38 None raba inzu yanyu igiye kuba akahebwe.
38 Rāba inzu yanyu muyitānywe ar’ umusaka.
Na we arabishura ati: “Murabona ibi vyose? Ndababwira ukuri ko ata buye na rimwe rizosigara rigeretse ku rindi, yose azosamburirwa hasi.”
Nimwabona ca ‘kizira gihumanya’ gihagaze aho kidakwiye guhagarara (uwusoma niyiyubare), abazoba bari i Yudaya baze bahungire ku misozi.
None raba inzu yanyu igiye kuba akahebwe. Ndababwira ukuri ko mutazosubira kumbona kugeza aho muzovugira muti: ‘Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho.’”
Nimwabona Yerusalemu ikikujwe n’ingabo, muzoce mumenya ko isenyurwa ryayo ryegereje.
Benshi muri bo bazokwicishwa inkota, canke batwarwe nk’inyagano mu mahanga yose yo kw’isi. Igisagara ca Yerusalemu kizohonyangwa n’Abanyamahanga kugeza igihe Abanyamahanga bagenewe kirangiye.
“Ku bijanye n’ibi muriko murabona, nagira ndababwire ko ata buye na rimwe rizosigara rigeretse ku rindi; yose azosamburirwa hasi.”