Matayo 23:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe27 Muzobona ibara mwa bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mumeze nk’imva zera derere; zisa neza inyuma, ariko imbere muri zo huzuyemwo amagufa n’ibindi bintu vyose bihumanye. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)27 Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko musa n’imva zihomeshejwe ingwa, ziboneka inyuma zīkuyengeje, arikw imbere zuzuye amagufa y’abapfuye n’ibihumanya vyose. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |