Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 23:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Yemwe mwa mpumyi z’Abafarisayo! Banza mwoze imbere h’igikombe n’isahani hanyuma n’inyuma hazoheza habe heza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Wa Mufarisayo uhumye we, banza woze imbere mu gikombe no mu nkōko, inyuma havyo na ho habone kwera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 23:26
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igiti iyo ari ciza n’ivyamwa vyaco biba vyiza, kandi igiti iyo ari kibi n’ivyamwa vyaco biba bibi; kuko igiti cose kimenyekanira ku vyamwa vyaco.


Uwo mukobwa amaze kwoshwa na nyina wiwe, abwira Herode ati: “Ndasavye umpere kuri iyi sahani umutwe wa Yohana Umubatizi.”


Kandi n’iyo bavuye kw’isoko, ntibashobora gufungura batabanje gukaraba. Barakurikiza n’iyindi migenzo, nko kwoza ibikombe, amasafuriya, amasahani n’imeza.)


Maze Umwami Yesu aca amubwira ati: “Mwebwe Abafarisayo mwitwararika cane kwoza inyuma h’igikombe n’ah’isahani, ariko mwuzuye ubukunzi bw’inda n’ubugizi bwa nabi.


Umuntu mwiza akura ivyiza mu bubiko bwiza bw’umutima wiwe, umubi na we agakura ibibi mu bubiko bubi bw’umutima wiwe. Kuko ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga.


None rero bene Data, ko dufise ayo masezerano, nimuze twiyeze, twiyambure ivyonona imitima n’imibiri yacu vyose. Turondere ukwezwa kuvuye ku kwubaha no gutinya Imana.


muze twegere aho Imana iri dufise imitima irimwo ukuri kandi tuyizeye ata gukekeranya, imitima yacu yogejwe igakurwamwo ibiyagiriza, n’imibiri yacu yogeshejwe amazi meza.


Mwegere Imana na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, nimukarabe; namwe abatiyeguriye Imana mu mitima, nimwiyeze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ