Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 23:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwugaye umuryango w’Ubwami bw’ijuru, ntimwinjira mwebwe ubwanyu, kandi n’abagomba kwinjira ntimwabakundira. [

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 23:13
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yemwe ndongozi zihumye, muzobona ibara kuko muvuga muti: ‘Nta co bitwaye kurahira urusengero rw’Imana, ariko kandi mukavuga ko uwurahiye inzahabu ziri mu rusengero aba yibohesheje iyo ndahiro.’


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mutanga ikigiracumi kuri vyose gushika no ku mboga zo mu matongo yanyu, ariko mukirengagiza ibikomeye vyo mu vyagezwe ari vyo ukugororoka, imbabazi, n’ukwizera. Ivyo ni vyiza, ariko mwari mukwiye gutanga ico kigiracumi, n’ivyo bindi mutavyirengagije.


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwoza neza inyuma h’igikombe n’ah’isahani, ariko imbere huzuyemwo umwanda w’ivy’ubusuma n’ukwipfuza kwanyu.


Muzobona ibara mwa bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mumeze nk’imva zera derere; zisa neza inyuma, ariko imbere muri zo huzuyemwo amagufa n’ibindi bintu vyose bihumanye.


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwubakira imva z’abavugishwa n’Imana ba sogokuru banyu bishe, mugashariza ivyibutso vy’abagororotsi ba sogokuru bishe,


Ariko abonye ko Abafarisayo n’Abasadukayo benshi baje aho ari ngo ababatize, arababaza ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake bw’Imana bugiye kuza?


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe kuko mwatwaye urupfunguruzo rwo kumenya Imana. Mwebwe ubwanyu ntimwinjiye mu Bwami, ahubwo mwabujije n’abashaka kwinjira.”


Abavyeyi biwe bishuye uko kuko batinya abakuru b’Abayuda. Abo bakuru bari bafashe ingingo ko umuntu wese azovuga ko Yesu ari Kristo azokwirukanwa mu rusengero.


Basubira gutumako wa muntu yahora ari impumyi ubugira kabiri, baramubwira bati: “Ubaha Imana, utubwire ukuri, kuko turazi ko urya muntu yagukijije ari umunyavyaha.”


Baramwishura bati: “Wewe wavukiye mu vyaha wongera ubikuriramwo, none uriko uratwigisha!” Nuko baca baramwirukana mu rusengero.


Ariko wa munyamareba Eluma (izina ryiwe ni ko risobanurwa mu Kigiriki), arabahaririza agomba guhuvya ukwizera kwa ca cariho ca Kayisari.


Arababwira ati: “Twari twabihanikirije kutigisha muri iryo zina. Ariko mwakwiragije inyigisho zanyu i Yerusalemu hose, kandi mwamaramaje kutwegekako amaraso y’uwo muntu.”


Nuko bemera impanuro ziwe, bahamagaza za ntumwa, barazikubitisha, bazitegeka kudasubira kwigisha muri iryo zina rya Yesu, baca barabarekura barataha.


Na Sawuli ni ho yari ari, kandi yari ashigikiye ko Sitefano yicwa. Uwo musi haca haduka ihamwa rikomeye kw’ishengero ry’i Yerusalemu, maze abigishwa bose, kiretse intumwa, basanzarira i Yudaya n’i Samariya.


Nk’uko Yane na Yambure bagwanije Mose, ni ko n’abo bantu bagwanya ukuri. Ubwenge bwabo bwarapfuye, kandi ukwizera kwabo ni ukw’ubusa.


Kandi na wewe umwirinde kuko yaragwanije cane ivyo twigisha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ