Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 22:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ariko, habura n’umwe avyitaho, bose bigira mu vyabo, umwe mw’itongo, uwundi mu bucuruzi,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ariko barirengagiza barīgīra, umwe aja mw itongo ryiwe, uwundi mu bidandazwa vyiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 22:5
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imbuto zaguye mu mahwa, ni ikigereranyo c’umuntu yumva ijambo ry’Imana, ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si hamwe n’uruhendo rw’ubutunzi bikaza bikanyoha iryo jambo yumvise bigatuma ata co ryama.


Hanyuma arungika abandi bakozi, ababwira ati: ‘Nimugende mubwire abatumiwe ko nateguye amazimano: nabaze impfizi hamwe n’ibindi bitungwa binuze, kandi ibintu vyose biteguye neza. Mubabwire baze ku mazimano y’ubukwe!’


abandi na bo bafata abakozi biwe barabakubagura, hanyuma barabica.


Abariko baragurisha inuma arababwira ati: “Sohora ibi bintu! Reka guhindura inzu ya Data isoko!”


Ariko bamwe barabacokora bavuga bati: “Aba bantu baborewe, banyoye igisama.”


Pawulo ariko aravuga ku vy’ukugororoka, ku vy’ukwirinda no ku ivy’urubanza rugiye kuza, Felisi aca aratinya, aca amubwira ati: “Niwigire, ivyo biramaze. Ninaronka akandi karyo keza nzosubira ndagutumeko.”


Canke ntubona ingene Imana igira neza, yihangana kandi idahaniraho? None ivyo nta co bikubwiye? Mbega ntubona ko mu kugira neza kwayo Imana ishaka kugushikana ku kwihana ivyaha vyawe?


Kurongorwa na kamere k’icaha bijana mu rupfu. Ariko kurongorwa na Mpwemu bishikana ku bugingo n’amahoro.


Bazoba abahemu, batazi kugenza buhoro, buzuye ukwishira hejuru, bakunda ibibanezereza bakabirutisha Imana.


none twebwe tuzokira gute ni twanjanjwa ku gakiza gakomeye nk’ako? Umwami Yesu ubwiwe ni we yabanje kuvuga ivy’ako gakiza, hanyuma abamwumvise baratwemeza ko ari ukuri.


Mu gukunda amaronko kwabo, bazobakuramwo inyungu bakoresheje amajambo y’uruhendo. Igihano cabo carateguwe kuva kera, kandi uguhona kwabo ntigutevye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ