33 Abantu bumvise ivyo baca batangazwa n’inyigisho ziwe.
33 Ishengero rivyumvise, ritangazwa n’inyigisho ziwe.
Bumvise ivyo barajorerwa cane, baca bamusiga ngaho baragenda.
Na we asubizayo ati: “Ivya Kayisari nimubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana.” Maze iyo nyishu irabatangaza cane.
Umusi w’Isabato ushitse, atangura kwigisha mw’isinagogi; benshi bamwumvirije baratangara cane. Barabazanya bati: “Mbega ivyo yigisha yabikuye he? Ubu bwenge n’ubu bushobozi bwo gukora ibitangaza yabikuye he?
Abamwumva bose baratangazwa n’ubwenge bwiwe hamwe n’inyishu ziwe.
Bose baramushima, batangazwa n’amajambo arimwo ubuntu bw’Imana yava mu kanwa kiwe, babazanya bati: “Mbega uwu si wa muhungu wa Yosefu?”
Ba barinzi barabishura bati: “Nta muntu yigeze kuvuga nk’uko uwu mugabo avuga!”