22 Bumvise ivyo barajorerwa cane, baca bamusiga ngaho baragenda.
22 Bavyumvise baratangara, bamusigaho barīgīra.
Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi. None rero, mwiyubare nk’inzoka kandi mwitonde nk’inuma.
Abantu bumvise ivyo baca batangazwa n’inyigisho ziwe.
Nta n’umwe yashoboye gukura ururimi mu kanwa ngo amwishure, kandi kuva uwo musi, nta n’uwongeye kwubahuka kumubaza ikibazo.
Yesu avyumvise aratangara cane, abwira abariko baramukurikira ati: “Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe muri Isirayeli nari bwabonane ukwizera gukomeye nk’uku.
Nuko abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’ubwo bwoko barondera ingene bomufata kuko bari batahuye ko ari bo yariko aravuga muri uwo mugani. Ariko barabitinya kubera abantu, baca bamusiga aho baragenda.
kuko nzobaha amajambo n’ubwenge bizotuma abababuranya badashobora kubahaririza canke ngo babahinyuze.
Ariko ntibashobora guhagarara imbere y’ubwenge bwiwe hamwe n’Impwemu yamuvugisha.
Ibiyago vyanyu bibe vyuzuyemwo ubuntu, birunzwe umunyu, kugira ngo mumenye uko mwishura umuntu wese.