14 Burya abatumiwe ni benshi, ariko abatoranijwe ni bake.”
14 Kukw abatowe ari benshi, arikw abatoranijwe bakaba bake.
Abari inyuma bazoba ab’imbere, kandi abari imbere bazoba ab’inyuma.”
Kandi iyo iyo misi itagabanywa, nta muntu n’umwe yorokotse. Ariko kubera abatoranijwe, iyo misi izogabanywa.
Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.
Nuko rero bene Data, murushirizeho kugira ishaka ryo gukomeza ihamagarwa ryanyu no gutoranywa kwanyu. Kuko nimwakora ivyo, ntimuzokwigera mutsitara,
Bazotera intambara bagwanye Umwagazi w’intama, ariko azobanesha kuko ni Uwuganza abatware kandi ni Umwami w’abami; kandi abo yahamagaye akabatoranya bakamubera abizigirwa, bazoba bari kumwe na we.”