Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 22:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Umwami aca abwira abakozi biwe ati: ‘Nimumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere hanze mu mwijima, ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Maz’ umwami abgira abakozi biwe, ati Ni mumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere hanze mu mwiza; ni ho hazoba amarira n’ukuryanya insya z’amenyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 22:13
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ikindi, umuntu yoshobora ate kwinjira mu nzu y’umunyenkomezi ngo amunyage ivyo atunze atabanje kumuboha? Aho ni ho honyene ashobora kwinjira mu nzu akamunyaga ivyiwe.


Reka vyose bikurane kugeza umusi wo kwimbura. Ico gihe nzobwira abimbuzi babanze begeranye urwamfu barutekere mu mikama hanyuma baruturire, maze uburo babwimburire mu kigega canje.’ ”


babate mw’itanure ryaka umuriro; aho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.


babaterere mw’itanure ryaka umuriro, ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.”


Azomuhimbagura hanyuma amusangize ikibanza n’indyarya, ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro mwinshi.”


Uwo mukozi w’imburakimazi na we nimumute hanze mu mwijima ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.’


mu gihe abari bateguriwe ubwo bwami bazoba baterewe hanze, mu mwijima aho bazokwama baboroga kandi bahekenya amenyo kubera umubabaro.”


Ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro, nimwabona Aburahamu, Isaka na Yakobo n’abavugishwa bose mu Bwami bw’Imana, namwe muterewe hanze.


Ndakubwire ukuri, ukiri muto wariyambika ukaja aho ushaka; ariko niwasaza, uzogorora amaboko yawe, uwundi muntu akwambike akujane aho udashaka kuja.”


Ashitse aho turi, afata umukanda wa Pawulo, awibohesha amaboko n’amaguru, avuga ati: “Mpwemu Yera avuze ati: ‘Uku ni ko Abayuda b’i Yerusalemu bazoboha nyene uwu mukanda, hanyuma bamurekurire mu maboko y’Abanyamahanga.’ ”


Bavyumvise, barashangashirwa, bamuhekenyera imisaya.


Bazohanishwa ugutabwa mu muriro udashira no gutandukanywa n’Umwami hamwe n’ubwiza n’ububasha vyiwe.


Abo bantu bameze nk’amasoko yakamye n’ibicu bikubebwa n’umuyaga. Kandi babikiwe umwijima w’umuzitanya.


Kuko nimba Imana itihanganiye abamarayika igihe bacumura, ariko ikabaterera muri Gehinomu, mu minyororo y’umwijima gushika ku musi w’imanza.


Ibikorwa biteye isoni vyabo vyiyerekana nk’ifuro rikwiragizwa n’imipfunda yo mu kiyaga. Bameze n’inyenyeri ziyerera, zabikiwe gutererwa mu cobo c’umwijima w’umuzitanya w’ibihe bidashira.


Kandi n’abamarayika batagumye mu bibanza Imana yabashizemwo, ariko bagahitamwo kubivamwo, Imana yabugaraniye ahantu h’umwijima, baboshwe n’iminyororo y’ibihe bidashira, barindiriye wa musi uhambaye w’imanza.


Nta kintu gihumanye na kimwe kizokwinjirayo, kandi nta wukora ibiterasoni canke umubeshi azogerayo. Hazojayo abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’intama gusa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ