Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 21:46 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

46 Baca barondera ingene bomufata, ariko batinya abantu kuko kuri bo Yesu yari uwuvugishwa n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 Barondeye ingene bomufata, batinya abantu, kuko bamwiyumvira kw ar’ ūvugishwa n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 21:46
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abandi bakishura bati: “Ni Yesu, umuvugishwa w’i Nazareti mu ntara ya Galilaya.”


Kandi nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku bantu,’ dukwiye guca twirinda abantu, kuko bose baremera ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”


Abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo bumvise iyo migani ya Yesu, bamenya ko ari bo yariko aravuga.


Yesu yongera kuvugana na bo mu migani, ababwira ati:


Abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyanditswe bavyumvise baca batangura kurondera ingene bomwica. Ariko baramutinya kuko abantu bakunda cane inyigisho ziwe.


Abari aho bose baterwa n’ubwoba, bongera bashima Imana, bati: “Uwuvugishwa n’Imana ahambaye yatwiyeretse, Imana yaje gutabara abantu bayo.”


Wa Mufarisayo yamutumira abibonye, atangura kwivugana mu mutima ati: “Iyaba uwu muntu yari uwuvugishwa n’Imana, yari kumenya uwuriko aramukorako, akamenya uwu mugore uwo ari we, ko ari umunyavyaha.”


Maze abantu baca bagerageza kumufata ariko nta n’umwe yashoboye kumukozako ukuboko kuko igihe ciwe kitari bwashike.


Isi ntishobora kubanka, ariko jewe iranyanka kuko ndayagiriza ibikorwa bibi.


Yemwe Bisirayeli, Yesu w’i Nazareti yari umuntu yashingiwe intahe n’Imana mu bitangaza, utwumiza n’ibimenyetso Imana yamukoresheje muri mwebwe, nk’uko ubwanyu mubizi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ