22 Nimwizera, ico muzosaba cose mu gusenga muzogihabwa.”
22 Kand’ ivyo muzosaba vyose musenze, mwizeye, muzobihabga.
Kandi, ndababwira ukuri ko babiri muri mwebwe nibahuriza inama kw’isi gusaba ikintu ico ari co cose, Data wo mw’ijuru azokibakorera.
Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha ivyiza ababimusavye!
Musabe muzohabwa; murondere muzoronka; mudodore muzokwugururirwa.
Ni co gituma ndababwira ko ico muzosaba cose mu gusenga, mukwiye kwizera ko mwamaze kukironka, kandi Imana izokibaha.
Ico muzosaba cose mw’izina ryanje nzogikora, kugira ngo Data ahabwe icubahiro biciye mu Mwana.
Nimwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muze musabe ico mushaka cose, kandi muzogihabwa.
Gushika ubu nta kintu na kimwe murasaba mw’izina ryanje. Nimusabe muzohabwa, kugira ngo umunezero wanyu wuzure.
Nuko rero mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire kugira ngo mukire ingwara. Isengesho ry’umugororotsi ririmwo ububasha kandi rikora vyinshi.
Kandi ico tuyisavye cose irakiduha, kuko twitondera amabwirizwa yayo, tugakora ibiyihimbara.