Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 21:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Nuko abona umusukoni uri hafi y’inzira, arawegera ariko asanga ata kintu na kimwe wamye, kiretse amababi gusa. Hanyuma aca arawubwira ati: “Ntugasubire kwama na rimwe.” Ubwo nyene uwo musukoni uca uruma.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Abonye umusukoni ku nzira, arawēgēra, ntiyagira ico awubonako, atar’ amababi gusa, arawubarira, ati Ntugapfe wamye insukoni uhereye ubu ugashitsa ibihe bidashira. Uwo musukoni uca ukabirana uwo mwanya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 21:19
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abigishwa biwe babibonye, baratangara cane. Baca babaza Yesu bati: “Ko uwo musukoni wumye ningoga?”


Maze aca abwira ico giti ati: “Ntugasubire kwama na rimwe!” Ivyo yabivuze abigishwa biwe bumva.


Bukeye mu gitondo, bariko baragenda, babona ca giti c’umusukoni Yesu yavuma cumye kuva mu mizi.


Mbere incabiti ibanguriwe imizi y’ibiti: igiti cose kitama ivyamwa vyiza kigiye gucibwa gitererwe mu muriro.”


Ishami ryose ryo kuri jewe ritama ararica, ariko ishami ryose ryama ararituturira akarituganya kugira ngo rirushirize kwama.


Uwutagumye muri jewe, ameze nk’ishami riterewe hanze rikuma; amashami ameze nk’iryo barayegeranya bakayaterera mu muriro agasha.


Bigira abagororotsi ariko bihakanye ububasha bwobahaye ukugororoka. Uze witandukanye n’abantu nk’abo.


Bigira abazi Imana ariko ibikorwa vyabo bikagaragaza ko bayihakana. Ni abo kwankwa, ntibumvira kandi nta gikorwa ciza na kimwe bashoboye gukora.


Kubana na bo iyo musangira mu misi mikuru y’urukundo nk’abizera ni agatetereza, kandi ivyo babikora ata co basonera. Bameze nk’abungere biragira ubwabo. Bameze nk’ibicu bitagira imvura bikubebwa n’umuyaga. Bameze kandi nk’ibiti bitagira ivyamwa mu gihe c’iyera, vyaranduranywe n’imizi bipfa kabiri.


Uwukora ibibi nabandanye akore ibibi, uwiyanduza nabandanye yandure; uwukora ivyiza nabandanye akora ivyiza, uwejejwe nabandanye yezwe.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ