Abantu ba kino gihe babi kandi b’abasambanyi ni bo basaba ikimenyetso! Ariko nta kindi kimenyetso bazohabwa kiretse ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona.” Maze Yesu aca abasiga ngaho arigira.
Nuko Yesu ashitse mu gisagara i Yerusalemu, aja mu rusengero. Amaze kwihweza ivyari aho, aca arasohoka asubirana i Betaniya na bamwe cumi na babiri, kuko bwari bwije.
Ico gihe Yesu yari i Betaniya mu nzu kwa Simoni, yahoze ari umunyamibembe. Ariko arafungura, haza umugore afise icupa ryiza ririmwo amavuta amota cane kandi y’igiciro kinini ahinguwe mu giti bita narada. Nuko yugurura rya cupa, asuka ya mavuta ku mutwe wa Yesu.