Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 21:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ariko, abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe bamaze kubona ibitangaza bihebuje akoze n’ingene abana baguma basemerera mu rusengero bavuga bati: “Hozana mwana wa Dawidi!” Maze barashavura cane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe babonye ibitangaza akoze, n’abana basemererera mu rusengero, ngo Hoziyana mwana wa Dawidi; baritonganya,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 21:15
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bamwe cumi bandi bavyumvise, bashavurira abo bahungu babiri bavukana.


Yesu aca asubira mu rusengero hanyuma atangura kwigisha, abakuru b’abaherezi n’abakuru b’Abayuda baza aho ari baramubaza bati: “Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?”


Maze abantu bariko bagendera imbere ya Yesu, bagenda barasemerera bati: “Hozana Mwana wa Dawidi!” “Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!” “Hozana hejuru mw’ijuru!”


“Mbega mwibaza iki ku vyerekeye Kristo? Ni umwana wa nde?” Baramwishura bati: “Ni umwana wa Dawidi.”


Uwo mwanya, abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda, bakoranira mu rugo rw’umuherezi mukuru Kayafa,


Abakuru b’abaherezi n’abagize inama nkuru y’idini ry’Abayuda bagerageza kurondera ibirego vyotuma Yesu acirwa urubanza rwo gupfa.


Kare mu gitondo, abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda bagira inama yo kwica Yesu.


Ariko abakuru b’abaherezi n’abakuru b’Abayuda, bemeza abantu ko basaba Baraba kugira ngo Yesu abe ari we abambwa.


Yesu avuye aho, impumyi zibiri ziramukurikira zisemerera, ziti: “Tugirire imbabazi Mwana wa Dawidi!”


Abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyanditswe bavyumvise baca batangura kurondera ingene bomwica. Ariko baramutinya kuko abantu bakunda cane inyigisho ziwe.


Umusi umwe Yesu yariko arigisha abantu mu rusengero, ababwira Ubutumwa Bwiza. Maze abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’Abayuda baza aho ari.


abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe barondera akaryo ko kwica Yesu, ariko batinya abantu.


Bukeye, inama nkuru y’abatwara ubwo bwoko irakorana, irimwo abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe, maze Yesu ajanwa imbere yabo.


Abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo bari batanze itegeko ko umuntu wese yobona aho Yesu ari yoca aja kubibabwira kugira ngo bamufate.


Nuko Abafarisayo baravugana bati: “Murabona ko ata co turiko turashikako. Isi yose iriko iramukurikira!”


Nuko Yesu yumva ko Abafarisayo bamenye ko aronka kandi akabatiza abigishwa benshi kurusha Yohana.


Mbega Ivyanditswe ntibivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi i Betelehemu, igisagara Dawidi yabayemwo?”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ