Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 20:30 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Hafi y’inzira, hari impumyi zibiri zari zicayeho. Zumvise ko Yesu azananye iyo nzira, zitangura gusemerera n’ijwi rirenga ziti: “Mwami, Mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Impumyi zibiri zari zicaye i ruhande y’inzira, zumvise yuko Yesu ahaciye ziratakamba, ziti Mwami, mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 20:30
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko arabiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, hanyuma inyoni ziraza zirazinobagura.


Umunyakananikazi wo muri iyo ntara, aza aho ari atakamba ati: “Mwami, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi! Umukobwa wanje aboshwe n’umudayimoni kandi aramubabaje cane!”


Abantu bari aho barabazibiza ngo bahore, ariko bo barushiriza gusemerera bati: “Mwami, Mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi!”


Maze impumyi n’abacumbagira baraza baramwegera mu rusengero, arabakiza.


Maze abantu bariko bagendera imbere ya Yesu, bagenda barasemerera bati: “Hozana Mwana wa Dawidi!” “Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!” “Hozana hejuru mw’ijuru!”


“Mbega mwibaza iki ku vyerekeye Kristo? Ni umwana wa nde?” Baramwishura bati: “Ni umwana wa Dawidi.”


Nuko Yesu n’abigishwa biwe bashika i Yeriko, hanyuma bava muri ico gisagara bari kumwe n’isinzi ry’abantu. I ruhande y’inzira hari impumyi yitwa Barutimayo, mwene Timayo, yari yicaye asegerereza.


“Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, kuko yansize amavuta ngo mbwire aboro Ubutumwa Bwiza. Yantumye kurekura imbohe ngo zidegemvye, guhumura amaso y’impumyi, kurekura abacinyijwe ngo bidegemvye,


Ako kanya nyene Yesu aca akiza abantu benshi bari bafise ingwara n’ubumuga butandukanye, ababoshwe n’impwemu mbi, ahumura n’impumyi nyinshi.


Yari umuvugishwa w’Imana kandi yari azi ko Imana yari yaramusezeraniye ishizeko n’indahiro ko izokwimika ku ngoma yiwe umwe mu ruvyaro rwiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ