Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 20:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Ariko muri mwebwe si ko bikwiye kumera. Ahubwo, uwushaka kuba umukuru muri mwebwe, ategerezwa kuba umukozi wanyu,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Muri mwebge si ko biri. Arik’ ūgomba kuba mukuru muri mwebge az’ abe umukozi wanyu;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 20:26
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kandi uwushaka kuba uwa mbere ategerezwa kuba umugurano wanyu;


Na bo bazomwishura bati: ‘Mwami, ni ryari twakubonye ushonje, canke unyotewe, canke uri ingenzi, canke ugenda gusa, canke urwaye, canke uri mw’ibohero ntitwagufasha?’


Abagore benshi bari bavuye i Galilaya bazananye na Yesu kugira ngo bamushigikire mu gikorwa ciwe, bari ngaho babirabira kure.


Uko si ko bikwiye kumera muri mwebwe. Uwushaka kuba umukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umukozi wanyu,


Kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanywe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.”


Yesu amaze kwicara ahamagara ba bigishwa cumi na babiri arababwira ati: “Umuntu wese ashaka kuba uwa mbere ategerezwa kuba uw’inyuma ya bose, n’umukozi wa bose.”


Ndababwire ukuri, uwo mutozakori yatashe yemewe nk’umugororotsi imbere y’Imana, ariko kuri wa Mufarisayo si ko vyagenze. Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”


Ariko ntimukabe nka bo. Ahubwo uwibaza ko ari mukuru muri mwebwe namere nka mutoya muri mwebwe, kandi umukuru amere nk’umukozi wanyu.


Yesu aramubwira ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si. Iyo buba ubwo muri iyi si, abayoboke banje bari kungwanira bakabuza abakuru b’Abayuda kumfata. Ariko Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.”


Bageze i Salamini bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda, kandi Yohana Mariko yagendana na bo abakorera.


Ariko ibi ntibisigura ko tugomba kubaremera tubabwira ngo mushire ukwizera kwanyu mu ngiro. Dushaka gukorera hamwe namwe kugira ngo umunezero wanyu wuzuzwe, kuko ukwizera kwanyu ni kwo kuzotuma mushikama.


Umwami Imana amuhe kuzobona ubuntu buva kuri Kristo ku musi azogarukirako. Murazi ingene yamfashije mu buryo bwinshi igihe nari muri Efeso.


Nashaka ko agumana nanje kugira ngo amfashe mu kibanza cawe muri iki gihe ndi imbohe kubera Ubutumwa Bwiza.


Mbega abamarayika bose si impwemu zikorera Imana? Ntiyazitumye gukorera abazoragwa agakiza?


Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Ntimutwaze umukazo abo bantu mwahawe kurongora, ariko mubere akarorero ubwo busho.


Kandi narabona ko uwo mugore yari aborewe n’amaraso y’abera, amaraso y’abashingiye intahe Yesu. Ndamubonye ndatangara cane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ