24 Bamwe cumi bandi bavyumvise, bashavurira abo bahungu babiri bavukana.
24 Bamwe cumi bavyumvise, bitonganiriza ivy’ abo babiri bavukana.
Yesu arababwira ati: “Ni ivy’ukuri ko muzonywa ku gikombe canje. Ariko, ku vyerekeye kwicara i buryo canke i bubamfu bwanje si jewe ndabitanga. Ivyo bibanza ni ivy’abo Data yabiteguriye.”
Yesu aca arabahamagara bose, ababwira ati: “Murazi ko abatware b’Abanyamahanga babatwaza umukazo, kandi ko ababaganza babacinyiza.
Yesu abibonye, arababara. Abwira abigishwa biwe ati: “Nimureke abana baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’aba.
Bamwe cumi bandi bavyumvise bashavurira Yakobo na Yohana.
Ariko umukuru w’isinagogi ababazwa n’uko Yesu akijije umuntu ku musi w’Isabato. Aca abarira abari aho ati: “Imisi y’ibikorwa ni itandatu. Muzohore muza gukizwa ingwara muri iyo misi, ariko atari ku musi w’Isabato.”
Urukundo rurihangana, rugira ubugwaneza. Ntirugira ishari kandi ntirwishira hejuru.
Ntihakagire ico mukora musunitswe n’ukwikunda canke n’ukwishira hejuru, ariko mu kwicisha bugufi, mushire abandi imbere.
Ariko nimwaba mwuzuye ishari, umururazi n’ukwikunda, ntimwishimire ubwo bwenge kuko mwoba mwihakanye ukuri.
Rwaruka, namwe mwubahe uburongozi bw’ishengero. Kandi umwe wese muri mwebwe yicishe bugufi imbere ya mugenziwe kuko, “Imana igwanya abibona ariko igirira ubuntu abicisha bugufi.”