Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 20:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Yesu arabishura ati: “Ntimuzi ico muriko murasaba. Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe c’imibabaro ngiye kunywako?” Baramwishura bati: “Egome twobishobora.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Yesu arishura, ati Ntimuzi ico musaba. Mwoshobora kunywera ku gikombe jewe ngira nnywereko? Na bo bati Turashobora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 20:22
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Petero arasubira avuga ati: “Sinshobora kukwihakana ngo sindakuzi naho vyonsaba gupfana nawe.” Mbere n’abandi bigishwa bavuga batyo.


Nuko yigira imbere, yubama hasi arasenga ati: “Data, nimba bishoboka, ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko, ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”


Asubirayo ubugira kabiri arasenga ati: “Data, nimba bidakunda ko iki gikombe c’imibabaro kimva imbere ntakinyoyeko, ivyo ushaka nibibe.”


Ariko, ibi vyose bibaye kugira ngo Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana bishike.” Ubwo nyene abigishwa biwe bose baramuta barahunga.


Aravuga ati: “Aba, Data, wewe vyose biragushobokera. Ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko ntibibe nk’uko jewe nshaka, yamara bibe uko wewe ushaka.”


Hari umubatizo ntegerezwa kubatizwa, kandi mpagaritswe umutima na wo kugeza ndawubatijwe.


“Data, ubigomvye, ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”


Yesu aca abwira Petero ati: “Subiza inkota mu rwubati. Mbega sinkwiye kunywa ku gikombe c’umubabaro Data yampaye?”


Kandi Mpwemu Yera ni we adufasha mu ntege nke zacu. Mu vy’ukuri ntituzi ico dukwiye gusengera, ariko Mpwemu Yera aradusengera aniha iminiho idashobora gusigurwa n’amajambo.


Mbere n’iyo musavye ntimuhabwa, kuko musaba mufise intumbero mbi, mushaka gukoresha ivyo muronse mu bihimbaro vyanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ