Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 20:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Yesu aramubaza ati: “Wipfuza iki?” Na we aramwishura ati: “Ndagusavye, mu Bwami bwawe, uze utegeke ko aba bahungu banje bicarana nawe, umwe i buryo bwawe, uwundi i bubamfu bwawe.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Aramubaza, at’ Uragomba iki? Na we ati Bivuge, aba bahungu banje babiri ngo baze bicare umwe i buryo bgawe uwundi i bumoso mu bgami bgawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 20:21
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muri ico gihe, abigishwa begera Yesu baramubaza bati: “Mbega ni nde mukuru mu Bwami bw’ijuru?”


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, mu gihe c’isi nsha, aho Umwana w’Umuntu azokwicarira ku ntebe yiwe y’icubahiro, mwebwe mwankurikiye, muzoba mwicaye ku ntebe cumi na zibiri, mucira imanza imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.


Yesu arabishura ati: “Ntimuzi ico muriko murasaba. Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe c’imibabaro ngiye kunywako?” Baramwishura bati: “Egome twobishobora.”


Yesu aca arahagarara, arabahamagara, ababaza ati: “Mushaka ko ndabakorera iki?”


Yesu arayibaza ati: “Ushaka ko ngukorera iki?” Na yo iti: “Mwigisha, ndashaka guhumuka.”


Umwami Yesu ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru, yicara mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana.


Maze umukobwa wa Herodiya araza aratamba, anezereza cane Herode n’abatumire biwe. Umwami aca abwira uwo mukobwa ati: “Nsaba ico ushaka cose, ndakiguha.”


“Ushaka ko ndagukorera iki?” Na we arishura ati: “Mwami, ndashaka guhumuka.”


Bakiriko baramwumviriza, Yesu arabandanya abacira umugani, kuko yari yegereje gushika i Yerusalemu, kandi ico gihe abantu bibaza ko Ubwami bw’Imana buca bushika ubwo nyene.


Maze haduka impari hagati yabo, bagomba kumenya umukuru muri bo.


Nimwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muze musabe ico mushaka cose, kandi muzogihabwa.


Abari bakoraniye hamwe na we baramubaza bati: “Mwami, none ubu ni ho ugomba ugarukane ubwami bwa Isirayeli?”


Urukundo rwanyu rurangwe no kugiriranira igishika nk’abavukana, kandi umuntu wese anezerezwe no gushira imbere mugenziwe.


None ni nde azobatsindisha? Nta n’umwe, kuko Kristo Yesu yadupfiriye, ikigeretseko yarazutse ku bwacu, ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi aradusengera.


None rero ko mwazuranywe na Kristo, mushire imitima yanyu ku biri mw’ijuru, aho Kristo yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ