Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 20:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Hanyuma nyina wa Yakobo na Yohana bene Zebedayo, aza aho Yesu ari azananye n’abo bahungu biwe babiri, apfukama imbere yiwe amwubashe cane, amusaba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Buno nyina wa bene Zebedayo aza kuri we, ari kumwe n’abahungu biwe, aramupfukamira, amusaba ijambo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 20:20
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aya ni yo mazina y’abigishwa biwe cumi na babiri: uwa mbere ni Simoni, yongera akitwa Petero, hamwe na mwene nyina Andereya, hagakurikira Yakobo mwene Zebedayo, na mwene nyina Yohana;


Abari mu bwato bose bamuha icubahiro, bavuga bati: “Ni ukuri uri Umwana w’Imana.”


Wa mugore aca araza apfukama imbere yiwe, aramubwira ati: “Mwami, ntabara!”


Binjiye mu nzu, babona uwo mwana ari kumwe na nyina Mariya, barapfukama baramusenga. Hanyuma batekurura udusaho turimwo ivy’agaciro bagendanye babimuhako ishikanwa rigizwe n’inzahabu, n’utundi tuntu tumota neza.


Muri bo harimwo Mariya Magadalena, Mariya nyina wa Yakobo na Yosefu, na nyina wa bene Zebedayo.


Bamubonye, baramusenga, ariko bamwe muri bo barakekeranya.


Abandanije, abona Yakobo na Yohana bene Zebedayo, bari kumwe na se mu bwato, bariko barasana insenga zabo. Maze Yesu arabahamagara,


Maze haza umuntu arwaye imibembe, apfukama imbere yiwe, amubwira ati: “Mwami, ubishatse, woshobora kunkiza ngahumanuka.”


Ico gihe hariho abagore bariko barabikurikirana bari kure. Muri bo harimwo Mariya Magadalena, Mariya nyina wa Yakobo mutoya na Yose, hamwe na Salome.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ