Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 2:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 ‘Kandi wewe, Betelehemu mu ntara ya Yuda, nturi mutoya mu bisagara vya Yuda, kuko muri wewe hazokomoka umurongozi azoragira ubwoko bwanje bwa Isirayeli.’”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 ngo Kandi wewe, Betelehemu mu ntāra ya Yuda, Nturi mutoya mu baganwa ba Yuda, Kuko kuri wewe hazova ūganza, Ni we azoragira abantu banje b’Abisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 2:6
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu ntara ya Yudaya, ku ngoma y’umwami Herode, abanyabwenge mu vy’inyenyeri bavuye mu buseruko baja i Yerusalemu.


Maze Yesu arabegera, ababwira ati: “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi.


Yesu yongera kubaza Petero ati: “Simoni mwene Yohana, urankunda?” Aramwishura ati: “Egome, Mwami, urazi ko ndagukunda.” Yesu aramubwira ati: “Ragira intama zanje.”


Mbega Ivyanditswe ntibivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi i Betelehemu, igisagara Dawidi yabayemwo?”


Imana yashize ibintu vyose musi y’inganji ya Kristo, imugira umutwe uri hejuru ya vyose ku bw’ineza y’ishengero.


Ni we mutwe w’umubiri, ari ryo shengero; ni we tanguriro kandi ni we mfura mu kuzuka mu bapfuye; kugira ngo muri vyose abe agaheta,


Birazwi ko Umwami wacu akomoka mu muryango wa Yuda, kandi Mose ntiyigeze avuga ko abaherezi bazokomoka muri uwo muryango.


Umumarayika w’indwi avugije inzamba yiwe, haca humvikana ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Ubwami bwo kw’isi buhindutse ubw’Umwami Imana na Kristo wiwe, kandi azoganza ibihe bidashira.”


Azoyatwazanya umukazo, ayamenagure nk’uwumena inkono z’ibumba. Nzomuha ububasha nahawe na Data,


Kuko Umwagazi w’intama ari ku ngoma ari we azobabera umwungere, azobaha ku mazi y’ubugingo. ‘Kandi Imana izobahanagura amosozi yose ku maso yabo.’”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ