Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 2:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Aca akoranya abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe, ababaza ati: “Vyanditswe ko Kristo azovukira hehe?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Akoranya abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bose bo mur’ ubgo bgoko, arababaza, ati Kristo azovukira hehe?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 2:4
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na we arababwira ati: “Ni co gituma umwigisha wese w’ivyagezwe, iyo ahindutse umwigishwa mu Bwami bw’ijuru, agereranywa n’umuntu yinjira mu nzu yiwe, agakura mu bubiko bwiwe ivyiza bishasha hamwe n’ivya kera.”


Umwami Herode yumvise iyo nkuru yaciye abura amahoro, hamwe n’ab’i Yerusalemu bose.


Baramwishura bati: “Ni i Betelehemu mu ntara ya Yudaya, kuko ari ko vyanditswe n’uwavugishwa n’Imana ngo:


Ariko, abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe bamaze kubona ibitangaza bihebuje akoze n’ingene abana baguma basemerera mu rusengero bavuga bati: “Hozana mwana wa Dawidi!” Maze barashavura cane.


Yesu aca asubira mu rusengero hanyuma atangura kwigisha, abakuru b’abaherezi n’abakuru b’Abayuda baza aho ari baramubaza bati: “Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?”


Uwo mwanya, abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda, bakoranira mu rugo rw’umuherezi mukuru Kayafa,


Yesu akiriko aravuga, Yuda umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, arashika. Inyuma yiwe hari isinzi ry’abantu bitwaje inkota n’amahiri, barungitswe n’abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda.


Kare mu gitondo, abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda bagira inama yo kwica Yesu.


kuko yigishanya ububasha, mu buryo butandukanye n’ubw’abigisha b’ivyagezwe babo.


Yesu aca atangura kubigisha ababwira ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi; akankwa n’abatware, n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe; kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.


Abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’abaherezi barondera ingene bomufata ubwo nyene, kuko bari batahuye ko ari bo ariko aravuga muri uwo mugani, ariko batinya abantu.


Abakuru b’aherezi n’abigisha b’ivyagezwe bari bahagaze ngaho, bamwagiriza bashimitse.


Nuko Yuda aja muri iryo tongo, ajanye n’umurwi w’abasoda n’abarinzi b’urusengero barungitswe n’abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo. Bari bafise ibimuri, amatara n’ibigwanisho.


Yesu aramwishura ati: “Wewe ko uri umwigisha yubashwe muri Isirayeli, bigenda gute ngo ntutahure ibi?


Abafarisayo bumvise ivyo abantu bariko barongoreranira kuri Yesu, baca bafatanya n’abakuru b’abaherezi batuma abarinzi b’urusengero gufata Yesu.


Abigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo bazana umugore bafashe ariko arasambana, bamuhagarika imbere y’abari aho bose.


Maze urwamo ruba rwinshi, hanyuma bamwe mu bigisha b’Ivyagezwe b’Abafarisayo bava hasi bavuga bashize amanga bati: “Uwu muntu twebwe tubona ata caha kimwagira. Nta wubizi, yoba yavuganye n’impwemu canke n’umumarayika!”


Bukeye, abatware, abashingantahe n’abigisha b’ivyagezwe bakoranira i Yerusalemu.


Maze baca bagumura abantu bose, harimwo n’abashingantahe b’ubwo bwoko n’abigisha b’ivyagezwe, bafata Sitefano, bamutwara imbere y’inama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ