Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 2:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Hanyuma, Imana imaze kubamenyesha mu nzozi ngo ntibasubire kwa Herode, baca bisubirira iwabo bajanye iyindi nzira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Babgiriwe n’Imana mu nzozi ngo ntibasubire guca kwa Herode, baca mu yindi nzira, bīsubirira mu gihugu c’i wabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 2:12
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko, akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na we mu ndoto amubwira ati: “Yosefu mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya, kuko inda afise yavuye kuri Mpwemu Yera.


Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na Yosefu mu nzozi amubwira ati: “Fata umwana na nyina ubahungishirize muri Egiputa; uzogumeyo kugeza aho nzokubwirira kugaruka, kuko Herode ariko arondera umwana ngo amwice.”


Herode amaze gupfa, umumarayika w’Umwami Imana abonekera Yosefu mu ndoto ari muri Egiputa,


Ariko amaze kwumva ko Arukelayosi ari we atwara intara y’i Yudaya mu gishingo ca se Herode, aca aratinya kujayo, mu nyuma amaze kuburirwa n’Imana mu ndoto, aja mu ntara y’i Galilaya,


Pilato acicaye aho acira imanza, umugore wiwe amurungikira ubutumwa buvuga ngo: “Ntihagire ikintu na kimwe ugira uwo mugororotsi, kuko naraye mbabajwe cane mu ndoto kubera we.”


Kandi yari yarahishuriwe na Mpwemu Yera ko atazopfa atabonye Kristo w’Umwami Imana.


Ba bantu barishura bati: “Turungitswe na Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana. Ni umugororotsi yubaha Imana, ashingirwa intahe n’ubwoko bw’Abayuda bwose. Umumarayika yamubwiye ngo agutumeko iwe kugira ngo yumve ivyo uri bumubwire.”


Ariko Petero na Yohana barabishura bati: “Mbega mubona ko ikibereye imbere y’Imana, ari ukwubaha mwebwe gusumba kuyubaha?


Petero n’izindi ntumwa barishura bati: “Dutegerezwa kwubaha Imana kuruta abantu!


kuko imbere y’Imana ubwenge bw’iyi si ari ubujuju, nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Imana ifatira abigira abanyabwenge mu bugunge bwabo.”


Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaka ubwato bunini kugira ngo akize umuryango wiwe umwuzure. Yumviye Imana yamugabishije ku bintu bitari bwigere biba. Uko ni ko yaciriye isi urubanza, kandi kubera ukwizera kwiwe, Imana na yo yaremeje ko yari umugororotsi.


Bakorera ibikorwa vyabo mu kibanza kigereranywa kikaba n’igitutu c’ivyo mw’ijuru. Kuko igihe Mose yagira yubake ihema, Imana yamubwiye imugabisha iti: “Uze urabe neza ko bikorwa nk’uko wavyerekewe kuri uwu musozi.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ