10 Babonye ya nyenyeri ihagaze bagira umunezero mwinshi.
10 Babonye iyo nyenyeri banezerwa akaneza kenshi cane.
Binjiye mu nzu, babona uwo mwana ari kumwe na nyina Mariya, barapfukama baramusenga. Hanyuma batekurura udusaho turimwo ivy’agaciro bagendanye babimuhako ishikanwa rigizwe n’inzahabu, n’utundi tuntu tumota neza.
Bamaze kwumva ivyo umwami ababariye, baca babandanya urugendo. Ya nyenyeri babona mu buseruko ica ibaja imbere kugeza ihagaze hejuru y’aho uwo mwana yari ari.
Wa mumarayika aca ababwira ati: “Ntimutinye kuko ndabazaniye inkuru nziza y’umunezero mwinshi ku bantu bose.
Ba bungere na bo basubira inyuma bahimbaza Imana bongera bayitazira kubera ivyo bumvise n’ivyo babonye, kuko basanze bimeze nk’uko bari babibwiwe.