Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 19:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Petero aramwishura ati: “None ko twebwe twasize vyose tukagukurikira, tuzoronka iki?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Buno Petero aramubaza, ati Mbega twebge ko twaretse vyose tukagukurikira; none tuzohabga iki?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 19:27
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: “Ku bantu ntibishoboka. Ariko ku Mana vyose birashoboka.”


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, mu gihe c’isi nsha, aho Umwana w’Umuntu azokwicarira ku ntebe yiwe y’icubahiro, mwebwe mwankurikiye, muzoba mwicaye ku ntebe cumi na zibiri, mucira imanza imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.


Yesu avuye aho, abona umutozakori yitwa Matayo yicaye aho yatoreza ikori, amubwira ati: “Nkurikira.” Matayo aca ava hasi, aramukurikira.


Maze Petero aramubwira ati: “Twebwe twasize vyose turagukurikira!”


Ariko ararengana, abona Lewi mwene Alufayo yicaye aho yatoreza ikori, amubwira ati: “Nkurikira!” Lewi aca ava hasi, aramukurikira.


Nuko rero, umuntu wese muri mwebwe adaheba ivyiwe vyose, ntashobora kuba umwigishwa wanje.


ariko uwo muhungu aramwishura ati: ‘Data, raba iyi myaka yose maze ndagukorera, numvira amategeko yawe yose. Ariko ntiwigeze umpa n’impene ikiri nto kugira ngo nezeranwe n’abagenzi banje.


Maze Petero aramubarira ati: “Twebwe twasize ivyacu vyose turagukurikira!”


Baca bakwegera ubwato bwabo ku nkengera y’ikiyaga, basigaho vyose, baramukurikira.


Ivyo yabikoze kugira ngo ntihagire n’umwe agira ico yirata imbere y’Imana.


Mbega ni nde yababwiye ko muruta abandi? Hari ico mufise mutahawe? None nimba mwaragihawe, ni kuki mwishira hejuru nk’aho mutagihawe?


Ikirenze kuri ivyo, ni uko ibintu vyose ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi kubera kumenya ikibirengeye ari co Kristo Yesu, Umwami wanje. Ku bw’uwo, nahevye ibindi vyose, ndabihindura ubusa kugira ngo ndonke Kristo,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ