Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 19:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Hanyuma haza umusore umwe, aramubaza ati: “Mwigisha, iciza nokora ni ikihe kugira ngo nze ndagwe ubugingo budashira?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Haza umuntu kuri we, aramubaza, ati Mwigisha, nkore iciza ki ngo ndonke ubugingo budashira?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 19:16
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amaze kubarambikako ibiganza abahezagira aca ava ngaho.


Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: “Ku bantu ntibishoboka. Ariko ku Mana vyose birashoboka.”


Kandi nta muntu n’umwe yasize inzu, canke abavukanyi, canke se, canke nyina, canke umugore, canke abana, canke amatongo kubera izina ryanje, atazobishumbushwa incuro ijana kandi akaragwa n’ubugingo budashira.


Hanyuma bazoca baja mu gihano c’ibihe bidashira, ariko abagororotsi bo bazoja mu bugingo budashira.”


Nanje ndaziha ubugingo budashira, kandi ntizizokwigera zipfa. Nta n’umwe ashobora kuzinkura mu kuboko.


Umuntu wese akunda ubuzima bwiwe muri iyi si azobubura, ariko umuntu wese yanka ubuzima bwiwe muri iyi si azobuzigama ibihe bidashira.


kugira ngo uwumwizera wese aronke ubugingo budashira.


ariko uwunywa amazi ntanga ntazosubira kugira inyota. Ahubwo ayo mazi azohinduka isoko ridudubiza muri we, rizana ubugingo budashira.”


Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,


Ndababwire ukuri, uwizera afise ubugingo budashira.


Simoni Petero aramwishura ati: “Mwami, twokuvako tugakurikira nde? Erega wewe ufise amajambo atanga ubugingo budashira!


Aca abasohokana hanze, ababaza ati: “Ba nyakwubahwa, nokora iki kugira ngo nkizwe?”


Izoha ubugingo budashira abashishikara gukora ivyiza, bakagira umwete mu kurondera ubwiza, icubahiro no kudapfa bitangwa na yo.


Rero, nk’uko icaha caganje abantu bose kikabashikana ku rupfu, ni ko n’ubuntu bw’Imana butangaje bwashitse ku bantu bose bukabaha kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi, maze bigatuma bagira ubugingo budashira bubonerwa muri Yesu Kristo Umwami wacu.


Ariko Imana yangiriye ubuntu kugira ngo muri jewe, umunyavyaha ruhebwa, Kristo Yesu yerekane akarorero k’ukwihangana kwiwe kutagira iherezo kuri abo bose bazomwizera bakaronka ubuzima budahera.


Ugwane intambara y’ukwizera. Uzigame cane ubugingo budashira wahamagariwe, igihe wagira ukwatura kwiza imbere y’ivyabona vyinshi.


Nibakora uko, bazoba bariko bariziganiriza ubutunzi nk’urufatiro rwiza rwa kazoza rwo kugira ubuzima nyakuri.


ukwizera n’ubumenyi bishingiye ku vyizigiro vy’ubugingo budashira turi kumwe n’Imana idapfa, ubwo twasezeraniwe isi itarabaho,


kugira ngo tumaze kwemerwa nk’abagororotsi ku bw’ubuntu bwayo, tube abaragwa bafise ivyizigiro vy’ubugingo butazoshira.


Ubwo bugingo bwaraserutse turabubona kandi turabushingira intahe. Tubabwira ubugingo budashira bwamanye na Data hanyuma tukabuhishurirwa.


Kandi ico Kristo yadusezeraniye ni ubugingo budashira.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


Mwizigamire mu rukundo rw’Imana mu kurindira ko Umwami wacu Yesu Kristo, mu mbabazi ziwe, abaha ubugingo budashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ