Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 18:31 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

31 Abakozi bagenziwe babonye ibibaye, barababara baca baja kubwira shebuja ivyabaye vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Bagenzi biwe babonye ibibaye, barababara cane, baragenda babgira shebuja ibibaye vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 18:31
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze umwami Herode arababara cane kubera ivyo yavuze, ariko kubera indahiro yari yarahiriye imbere y’abatumire biwe, avuga ko uwo mukobwa bamuha ico asavye.


Uwo mukozi agisohoka ahura na mugenziwe bakorana amuheraniye idenariyo ijana. Amufata mw’izosi atangura kumunigura ati: ‘Ndiha umwenda umfitiye ningoga!’


Ariko aranka. Ahubwo aramujana bamushira mw’ibohero kugira ngo azoveyo arishe umwenda wiwe wose.


Shebuja avyumvise ahamagara wa mukozi yahebera umwenda munini amubwira ati: ‘Wa mukozi mubi we! Warantakambiye ndaguhebera umwenda wawe wose,


Nuko Yesu abitegereza ashavuye, kandi ababajwe cane n’uko imitima yabo ikomantaye. Nuko abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe.” Akugoroye guca kurakira.


Wa mukozi aragaruka abwira shebuja ingene vyagenze. Maze na we arashavura cane, aca amubwira ati: ‘Genda mu mabarabara no mu mayira yo mu gisagara, uzane abakene, abacumbagira, impumyi, hamwe n’ibimuga.’


Yegereye Yerusalemu, yitegereza igisagara, arakiririra,


Abanezerewe, munezeranwe na bo, abarira murirane na bo.


Numva mfise isoni zo kubabwira ko umenga twagize intege nke muri mwebwe, kubona tutigenjeje gutyo! Ariko nimba hari uwufise ico yokwubahuka kwirata, nanje ndagifise (ndabivugishijwe n’ubupfu).


Mugamburukire abarongozi banyu kandi mukore ivyo babategeka, kuko barinda imitima yanyu, kandi bazobibazwa n’Imana. Muborohereze kugira ngo babikorane umunezero, ata mubabaro, kuko ivyo nta ciza vyobazanira.


Mwibuke abari mu mabohero, nk’aho mwoba muri kumwe na bo mw’ibohero. Mwibuke abababazwa nk’aho namwe mwumva ububabare bwabo mu mibiri yanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ