Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 18:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Kandi, ndababwira ukuri ko babiri muri mwebwe nibahuriza inama kw’isi gusaba ikintu ico ari co cose, Data wo mw’ijuru azokibakorera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Kandi ndababgira ukuri yukw ababiri muri mwebge ni bahuriza inama mw isi gusaba ikintu cose, Data wo mw ijuru azokibakorera

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 18:19
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nimwizera, ico muzosaba cose mu gusenga muzogihabwa.”


siga ikimazi cawe ngaho imbere y’igicaniro, ubanze ugende wiyuzuze na mugenzawe hanyuma ugaruke utange ico kimazi.


Musabe muzohabwa; murondere muzoronka; mudodore muzokwugururirwa.


Ni co gituma ndababwira ko ico muzosaba cose mu gusenga, mukwiye kwizera ko mwamaze kukironka, kandi Imana izokibaha.


Si mwebwe mwantoranije, ni jewe nabatoranije. Nabashizeho kugira ngo mugende mwame ivyamwa, kandi ivyamwa bihoraho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibahe.


Nimwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muze musabe ico mushaka cose, kandi muzogihabwa.


Uwo musi, nta kibazo na kimwe muzosubira kumbaza. Ndababwire ukuri, ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibaha.


Bose bakoranira hamwe bahuje umutima n’inama mu masengesho, bari kumwe na Mariya nyina wa Yesu n’abandi bagore, hamwe na bene nyina ba Yesu.


Nuko Petero ashirwa mw’ibohero, ariko ishengero riguma risenga Imana n’umwete mwinshi ku bwiwe.


Pawulo amaze kwerekwa ivyo, duca turitegura ubwo nyene tuja i Makedoniya, kuko twari dutahuye neza ko Imana iduhamagariye kuja kuvugayo Ubutumwa Bwiza.


hanyuma natwe duheze twiyegurire igikorwa co gusenga no kwigisha Ijambo ry’Imana.”


Kuko ndazi ko kubera amasengesho munsengera n’ubufasha bwa Mpwemu wa Kristo Yesu ivyo vyose bizotuma mbohorwa.


Kandi ico tuyisavye cose irakiduha, kuko twitondera amabwirizwa yayo, tugakora ibiyihimbara.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ