Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 18:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Mwene So niyagucumurako, ugende umwihereranye muri babiri umwereke icaha yagukoreye. Niyakwumviriza akemera kwihana, uzoba wiyujuje na mwene So.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Mugenzawe ni yakugirira nabi, ugende umuhishuke mwiherereye; ni yakwumvira, uzoba wigaruriye mugenzawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 18:15
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uko ni ko na So wo mw’ijuru atagomba ko hagira n’umwe muri barya bato azimira.


Hanyuma Petero araza abaza Yesu ati: “Mwami, mbega mugenzanje ancumuyeko, nzomuharira kangahe? Incuro indwi?”


Uko ni ko na Data wo mw’ijuru azobagirira nimutaharira bene So bivuye ku mutima.”


Ikibi ntikikakuneshe ngo abe ari co ukora, ariko ukinesheshe gukora iciza.


Mucumuye kuri bene Data muri ubwo buryo, muba mucumuye kuri Kristo.


Intumbero yanje rero ntiyari ukwandika ku bagize nabi canke abagiriwe nabi. Nabandikiye kugira ngo mu nyonga z’Imana umwitwarariko mudufitiye ugaragare.


Bene Data, nihagira uwufatwa ariko akora icaha, mwebwe muhagaze neza muri Mpwemu, mwategerezwa kumufasha gusubira mu nzira nziza mu bugwaneza. Ariko namwe nyene mwirinde cane kugira ngo ntumugeragezwe nka we.


Mushigikirane kandi mubabarirane iyo umuntu agize ico apfa na mugenziwe. Mubabarirane nk’uko Umwami Yesu yabababariye namwe.


Kandi muri ivyo vyose, ntihakagire uwugirira nabi mwene Se canke ngo amugunge, kuko Umwami azohana ivyaha nk’ivyo vyose nk’uko twari tumaze kubibabwira no kubibaburirako.


Ntimuze mubafate nk’abansi banyu, ariko mubaburire nk’abavukanyi.


Nihagira uwuzana ivy’ukwicamwo ibice, uze umwihanize irya mbere n’irya kabiri, niyabandanya, uze umutaramure.


Kandi muri iyo nzira nyene, bagore, mwubahe abagabo banyu; kugira ngo na barya batumvira Ubutumwa Bwiza, bahindurwe n’ingeso nziza z’abagore babo ata majambo arinze kuvugwa,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ