11 Kuko Umwana w’Umuntu yazanywe no gukiza abazimiye.]
11 Kand’ Umwana w’umuntu yaje gukiza icari cazimiye.]
Ariko, mugende mu ntama zazimiye za Isirayeli.
Nuko Yesu abwira wa mugore ati: “Natumwe ku ntama zazimiye za Isirayeli gusa.”
Mbega ndababaze umuntu atunze intama ijana hanyuma imwe muri zo ikazimira, yokora iki? Ntiyosiga mirongo icenda n’icenda ku musozi akaja kurondera iyo imwe yazimiye?
Yesu avyumvise aravuga ati: “Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukeneye.
kuko umwana wanje yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ Nuko baca batangura kugira umusi mukuru.
Vyari bikwiye ko tugira umusi mukuru tukanezerwa kuko umuvukanyi wawe yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ ”
Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye.”
Nuko baca baja mu yindi mihana.
Igisuma ntikizanwa n’ikindi atari ukwiba, ukwica no gutikiza; ariko jewe naje kugira ngo intama zigire ubugingo, kandi zibugire busagutse.
Jewe sincira urubanza umuntu yumva amajambo yanje ntayashire mu ngiro. Kuko sinaje gucira isi urubanza, ahubwo naje gukiza isi.
Erega Imana ntiyatumye Umwana wayo kw’isi gucira urubanza abari kw’isi, ahubwo yamutumye kugira ngo ibakize biciye muri we.
Iri jambo ni iryo kwizigirwa, rikwiye kwakirwa n’abantu bose, rivuga ngo: Kristo Yesu yazanywe kw’isi no gukiza abanyavyaha, muri abo ndi agahebuza.