7 Maze Yesu arabegera abakorako, ababwira ati: “Nimuve hasi, nta co mutinya.”
7 Yesu arabēgēra, abakorako, ati Ve hasi, ntimutinye.
Ariko Yesu arababwira ati: “Humura! Ni jewe; ntimugire ubwoba.”
Abigishwa bumvise iryo jwi, bagira ubwoba bwinshi, bituma bagwa hasi bubamye.
Bunamuye amaso, ntibagira uwundi babona atari Yesu.
Ba bagore bagira ubwoba bwinshi, bakubita ibipfukamiro hasi barunama, ariko ba bagabo barababwira bati: “Ni kuki muronderera umuntu muzima mu bapfuye?
Ariko haguruka ushike mu gisagara, ni ho uzobwirirwa ivyo ukwiye gukora.”
Ndamubonye nca nikubita imbere y’ibirenge vyiwe nk’uwupfuye. Ariko aca anshirako ikiganza c’i buryo ambarira ati: “Ntutinye. Ndi Uwa Mbere kandi ndi Uwa Nyuma.