Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 17:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Bazomwica, ariko ku musi ugira gatatu azozuka abe muzima.” Maze ivyo bibabaza cane abigishwa biwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 kandi bazomwica, maze ku musi ugira gatatu azozurwa. Barababara cane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 17:23
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuva ico gihe, Yesu atangura kubwira abigishwa biwe ko ategerezwa kuja i Yerusalemu, akababazwa mu buryo bwinshi n’abakuru b’idini, n’abaherezi bakuru n’abigisha b’ivyagezwe, kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.


Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe mubwira ivyo mwabonye, kugeza Umwana w’Umuntu amaze kuzuka mu bapfuye.”


hanyuma bamushikirize Abanyamahanga kugira bo bamushinyagurire, bamushishagure, hanyuma bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu, azozuka!”


bamubwira bati: “Nyakwubahwa, twibutse ivyo wa mubeshi yari yaravuze akiri muzima ngo: ‘Inyuma y’imisi itatu nzozuka.’


Yesu aca atangura kubigisha ababwira ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi; akankwa n’abatware, n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe; kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.


Nuko bava aho hantu baca i Galilaya. Yesu ntiyashaka ko hagira uwumenya aho bari,


Yamara imitima yanyu yuzuye umubabaro kubera ivyo ndababwiye.


Yesu arabishura ati: “Nimusambure uru rusengero, nanje ndarwubaka mu misi itatu.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ