Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 17:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Yesu arabishura ati: “Ni kubera ukwizera guke kwanyu. Ndababwire ukuri, iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride, mwobwira uriya musozi muti: ‘Imuka uve ngaha,’ kandi woca wimuka. Nta kintu na kimwe kitobashobokera. [

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Arabishura, ati N’ukwizera kwanyu guke. Ndababgire ukuri: Namba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobgira kino gisozi, mut’ Imuka aha, uje harya, kandi cokwimuka. Kandi nta kitazobashobokera. [

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 17:20
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abacira uwundi mugani ati: “Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride umuntu yateye mu murima wiwe.


Yesu aramubwira ati: “Ingo.” Petero aca ava mu bwato, atangura kugendagenda ku mazi aja iyo Yesu ari.


Yesu yishura avuga ati: “Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Nzanira uwo mwana hano.”


Hanyuma biherereye, abigishwa ba Yesu baramubaza bati: “Mbega ni kuki twebwe vyatunaniye kwirukana irya dayimoni?”


Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe mubwira ivyo mwabonye, kugeza Umwana w’Umuntu amaze kuzuka mu bapfuye.”


Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, hamwe mwogira ukwizera ntimukekeranye na gatoya, namwe mwoshobora gukora ivyakorewe urya musukoni, mbere mwokora n’ibibirengeye. Mwoshobora no kubwira urya musozi muti: ‘Shinguka witerere mu kiyaga,’ kandi ni ko vyogenda.


Yesu arabishura ati: “Yemwe mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki mufise ubwoba?” Aca aravyuka, akankamira uwo muyaga n’imipfunda, haca haba agahwekere.


Yesu aca ababwira ati: “Mukomere mu kwizera Imana.


Ndababwire ukuri, umuntu yobwira uwu musozi ati: ‘Shinguka, witerere mu kiyaga,’ avyizeye adakekeranya mu mutima wiwe ariko yizeye ko ivyo avuze biba, vyogenda nk’uko yabisavye.


Ubwami bw’Imana busa n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride. Ako kabuto ni gato kurusha izindi zose kw’isi.


Yesu aravuga ati: “Uvuze uti: ‘Nimba noshobora kugira ico nkoze?’ Vyose bishobokera uwizera.”


kuko ata jambo Imana ivuze ribura ububasha.”


Arabishura ati: “Iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride, mwobwiye iki giti muti ‘Randuka, ushingwe mu kiyaga,’ kandi cobumviye.


Yesu arabishura ati: “Ibidashobokera abantu bishobokera Imana.”


Yesu aramubwira ati: “Sinakubwiye ko niwizera uja kubona ubwiza bw’Imana?”


abandi abaha ingabire y’ukwizera, abandi abaha gukiza ingwara,


Naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkagira ukwizera kwokwimura imisozi ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.


Ico tubona ni uko, kubera ukutizera kwabo, batashoboye kwijira aho kuruhukira Imana yateguye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ