Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 17:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Yesu aca akankamira iyo dayimoni, iva muri uwo mwana, aca akira ako kanya nyene.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Yesu aramukankamira, dayimoni amuvamwo, umuhungu aca akira uwo mwanya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 17:18
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma bamuzanira umuntu aboshwe n’umudayimoni amutera kuba impumyi n’ikiragi. Nuko Yesu akiza uwo muntu, aca aravuga kandi arabona.


Yesu aca aramubwira: “Mupfasoni, ufise ukwizera gukomeye! Ivyo usavye urabihawe.” Maze ako kanya nyene, umukobwa wiwe aca arakira.


Yesu yishura avuga ati: “Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Nzanira uwo mwana hano.”


Hanyuma biherereye, abigishwa ba Yesu baramubaza bati: “Mbega ni kuki twebwe vyatunaniye kwirukana irya dayimoni?”


Yesu arahindukira, amubonye aramubwira ati: “Humura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije.” Ubwo nyene uwo mugore aca arakira.


Nuko Yesu akiza abantu benshi bari barwaye ingwara zitandukanye. Yirukana n’impwemu mbi nyinshi, ntiyazemerera kugira ico zivuga kuko zari zamenye uwo ari we.


Ivyo yabivuze kuko Yesu yari ahejeje kuvuga ati: “Wa mpwemu mbi we, muvemwo!”


N’impwemu mbi ziva mu bantu benshi, zisemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana!” Ariko arazikankamira, ntiyazemerera gusubira kuvuga, kuko zari zamenye ko ari Kristo.


Ivyo yabivuze kuko Yesu yari yategetse iyo mpwemu mbi kumuvamwo. Kenshi iyo mpwemu mbi imufashe, naho bamubohesha iminyororo n’ivyuma amaguru n’amaboko kugira ngo agume hamwe, yarayicagagura, ya mpwemu mbi ikamutwara kuyerera mu gahinga.


Bariko baramuzana, ya dayimoni imukubita hasi iramujegeza. Ariko Yesu akankamira iyo mpwemu ihumanye, akiza uwo muhungu, amusubiza se.


Nuko amara imisi avuga ivyo, gushika aho Pawulo adundumirwa, arahindukira abwira iyo mpwemu ati: “Mw’izina rya Yesu Kristo, ndagutegetse, muvemwo.” Ubwo nyene ya mpwemu ica iramuvamwo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ