Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 17:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Yesu yishura avuga ati: “Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Nzanira uwo mwana hano.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Yesu arishura, ati Yemwe ab’ iki gihe mutizera b’ibidambidambi, nzogeza ryari kubana namwe; nzogeza ryari kubihanganira? Ni mumunzanire hano.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 17:17
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aho hantu Yesu ahakorera ibitangaza bike kuko abantu baho ata kwizera bari bafise.


Yesu amenye ivyo bariko baravugana, arababaza ati: “Mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki muriko muvuga ko mudafise imikate?


Namuzaniye abigishwa bawe ariko vyanse ko bamukiza.”


Yesu aca akankamira iyo dayimoni, iva muri uwo mwana, aca akira ako kanya nyene.


Nimba Imana yambika gutyo ivyatsi vyo ku misozi, biriho uno musi ariko ejo bikazotererwa mu ziko, mbega ntizorushirizaho kubambika, yemwe ab’ukwizera guke!


Yesu arabishura ati: “Yemwe mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki mufise ubwoba?” Aca aravyuka, akankamira uwo muyaga n’imipfunda, haca haba agahwekere.


Mu nyuma Yesu yiyereka bamwe cumi n’umwe bariko barasangira. Arabahambarira kubera ukutizera n’ugukomantaza imitima kuko banse kwemera ivyo babwiwe n’abamubonye amaze kuzuka.


Yesu yishura avuga ati: “Mwa bantu b’iki gihe, nta kwizera mufise! Mbega nkwiye kugumana namwe igihe kingana gute? Mbega nzobihanganira gushika ryari? Nimunzanire uwo mwana.”


Yesu aca ababwira ati: “Yemwe bantu b’ubwenge buke mwe! Birabagora kwizera mu mitima yanyu ivyo abavugishwa n’Imana bavuze.


Yesu aravuga ati: “Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari ndabihanganira? Zana uwo muhungu wawe hano.”


Maze abwira Toma ati: “Koza urutoke rwawe hano, urabe ibiganza vyanje. Gorora ukuboko kwawe ukore mu rubavu rwanje. Reka gukekeranya niwizere.”


yihanganira ubugaba bwabo imyaka mirongo ine mu bugaragwa.


Petero aca abandanya ababwira ayandi majambo menshi yo kubinginga no kubahanura, avuga ati: “Nimuhunge uru runganwe rw’inkozi z’ibibi.”


Nizera ko muzokwihanganira ubupfu bwanje. Ndabinginze munyihanganire.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ