13 Abigishwa baca batahura ko yariko avuga Yohana Umubatizi.
13 Bun’ abigishwa batahura ko yababgiye Yohana Umubatizi.
Kandi nimba mushaka kwemera ivyo ndiko ndavuga, ni we Eliya abavugishwa bari baravuze ko azoza.
Ariko ndababwire, Eliya yaramaze kuza, yamara ntibamumenye, ahubwo bamukoreye ivyo bishakiye. Uko ni ko n’Umwana w’Umuntu bagiye kumugirira nabi.”
Bashitse musi y’umusozi, basanga abantu isinzi babarindiriye. Umugabo umwe aramwegera, apfukama imbere yiwe.
Haciye igihe haza Yohana Umubatizi, yigishiriza mu bugaragwa bw’i Yudaya,