5 Bashitse hakurya y’ikiyaga, abigishwa biwe basanga bibagiye gutwara imikate.
5 Abigishwa bafata hakurya, bāri bibagiye gutekera imitsima.
Yesu amaze gusezera abantu, afata ubwato, aja mu ntara ya Magadani.
Abantu ba kino gihe babi kandi b’abasambanyi ni bo basaba ikimenyetso! Ariko nta kindi kimenyetso bazohabwa kiretse ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona.” Maze Yesu aca abasiga ngaho arigira.
Yesu arababwira ati: “Mube maso, mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo.”