Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 16:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Hanyuma Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Umuntu wese agomba kuba umwigishwa wanje, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba wiwe, akankurikira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Buno Yesu abgira abigishwa biwe, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 16:24
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu wese atikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire ntankwiriye.


Bariko barasohoka igisagara, bahura n’umuntu yitwa Simoni w’i Kurene; abo basoda bamutegeka gutwaza Yesu umusaraba.


Yesu aramuraba yumva aramukunze. Aramubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe abakene; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru, hanyuma uze unkurikire.”


Bakiri mu nzira bagenda, bahura n’umugabo yitwa Simoni yari avuye mu mirima, bamutegeka gutwaza umusaraba Yesu. Simoni yava i Kurene kandi yari se wa Alegizandere na Rufu.


Nuko Yesu ahamagara rya sinzi ry’abantu benshi bari hafi ngo begere abigishwa, arababwira ati: “Uwushaka kuba umwigishwa wanje wese, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba akankurikira.


Kandi uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Abasoda batwaye Yesu kumubamba bafata Simoni w’i Kurene, yari avuye mu mirima, baca bamukorera umusaraba, agendera inyuma ya Yesu.


Yesu asohoka yikoreye umusaraba wiwe, ajanwa ahantu hitwa Nyagihanga (mu Giheburayo hitwa Gologota).


Yesu yavuze ivyo ashaka kwerekana urupfu Petero azopfa ahesha Imana icubahiro. Aca abwira Petero ati: “Nkurikira!”


Yesu aramwishura ati: “Nimba nshaka ko abaho gushika ngarutse, ivyo bigutwaye iki? Wewe nkurikira gusa.”


binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”


Ubu nezererewe imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu. Mu mubiri wanje, ndiko ndashitsa ibisigaye ku mibabaro ya Kristo ku bw’umubiri wiwe, ari ryo Shengero.


maze ntimunyiganyizwe n’ibibagerageza. Ariko murazi neza ko ivyo biri mu vyo twateguriwe.


Kanatsinda, uwuhisemwo kugira ubuzima bugororotse muri Kristo Yesu azotegerezwa guhamwa.


Kuko, Imana yabahamagariye gukora ivyiza, mbere no mu gihe ivyo bishobora kubashikana mu mibabaro, nk’uko Kristo na we yababajwe ku bwanyu. Ni we citegererezo canyu kandi mutegerezwa kumwigana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ