Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 16:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Yesu arahindukira abwira Petero ati: “Mva i ruhande, Satani, herera inyuma yanje! Uri igitsitaza kuri jewe; kuko ibikuraje ishinga si ivy’Imana, ariko ni ivy’abantu.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Ahindukirira Petero, ati Herēra inyuma yanje, Satani; ur’ ikintsitaza, kukw ivy’ Imana atari vyo ubabaye, ubabaye ivy’ abantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 16:23
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Petero aramwihereranya, atangura kumwamira ati: “Mwami, ntibikabe! Ivyo ntibikakubeko!”


Isi iragowe kuko yuzuye ibituma abantu bacumura! Kandi ivyo ntibizokwigera bireka kubaho; ariko aragowe umuntu abizana!


Yesu aramwishura ati: “Mva i ruhande Satani! Kuko handitswe ngo: ‘Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera.’”


Yesu arahindukira araba abandi bigishwa, akankamira Petero ati: “Satani, herera inyuma yanje. Ivyo wiyumvira si ivy’Imana, ni ivy’abantu.”


Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera!’”


Yesu aca arababwira ati: “Sinabatoranije muri cumi na babiri? Ariko umwe muri mwebwe ni uwa Satani.”


Twirinde rero guciranira imanza. Ahubwo, twigire inama yo kutagira ikintu na kimwe dukora cotsitaza canke kikagwisha mu caha mwene Data wundi.


Ni vyiza kutarya inyama canke kutanywa umuvinyu canke kudakora ikindi kintu na kimwe cotuma mwene Data wundi agwa mu caha.


Iherezo ryabo ni ukurandurwa. Imana yabo ni inda yabo, kandi ivyobateye isoni ni vyo bihimbaro vyabo. Nta kindi biyumvira atari ivy’iyi si gusa.


Ubwenge bwanyu mubushire ku biri mw’ijuru, ntimubushire ku biri mw’isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ