Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 16:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Kuva ico gihe, Yesu atangura kubwira abigishwa biwe ko ategerezwa kuja i Yerusalemu, akababazwa mu buryo bwinshi n’abakuru b’idini, n’abaherezi bakuru n’abigisha b’ivyagezwe, kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Kuva ubgo Yesu atangura guserurira abigishwa biwe kw akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bginshi n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 16:21
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’ifi, ni ko n’Umwana w’Umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’isi.


Petero aramwihereranya, atangura kumwamira ati: “Mwami, ntibikabe! Ivyo ntibikakubeko!”


Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze ngaha ntibazopfa batabonye Umwana w’Umuntu aje ari mu bwami bwiwe.”


Ariko ndababwire, Eliya yaramaze kuza, yamara ntibamumenye, ahubwo bamukoreye ivyo bishakiye. Uko ni ko n’Umwana w’Umuntu bagiye kumugirira nabi.”


Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe mubwira ivyo mwabonye, kugeza Umwana w’Umuntu amaze kuzuka mu bapfuye.”


kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanwe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.”


“Nk’uko musanzwe mubizi, Umusi Mukuru wa Pasika, ugiye kuba mu misi ibiri: Umwana w’Umuntu azofatwa atangwe kugira ngo abambwe.”


Yesu akiriko aravuga, Yuda umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, arashika. Inyuma yiwe hari isinzi ry’abantu bitwaje inkota n’amahiri, barungitswe n’abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda.


Ariko abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda bamwagirije, ntiyishura na kimwe.


bamubwira bati: “Nyakwubahwa, twibutse ivyo wa mubeshi yari yaravuze akiri muzima ngo: ‘Inyuma y’imisi itatu nzozuka.’


Ntari hano, yazutse, nk’uko yari yarabivuze. Nimuze murabe aho umubiri wiwe wari uryamye.


Yesu aca atangura kubigisha ababwira ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi; akankwa n’abatware, n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe; kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.


Yesu arabishura ati: “Ni ukuri, Eliya ategerezwa kubanza kuza kugira ngo asubize vyose mu buryo. None ni kuki handitswe ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa cane akongera agasuzugurwa?


Ariko azobanza kubabazwa cane no kwankwa n’abantu b’iki gihe.


Arababwira ati: “Handitswe ngo ‘Kristo azobabazwa, apfe, hanyuma azuke mu bapfuye ku musi ugira gatatu,


bari mu bwiza bw’Imana, batangura kuganira na Yesu, bavugana ingene yari agiye kurangiza igikorwa ciwe mu gupfira i Yerusalemu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ