Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 16:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Hanyuma aca yihanikiriza abigishwa biwe ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ko ari we Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Maze yihanikiriza abigishwa ngo ntihagire umuntu babgira kw ari we Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 16:20
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

hanyuma Yakobo avyara Yosefu, umugabo wa Mariya, nyina wa Yesu ari we Kristo.


Simoni Petero aramwishura ati: “Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.”


Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe mubwira ivyo mwabonye, kugeza Umwana w’Umuntu amaze kuzuka mu bapfuye.”


Hanyuma Yesu aca aramubwira ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse.”


Yesu aca arababuza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira uwo ari we.


Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyo babonye kugeza Umwana w’Umuntu azutse mu bapfuye.


Uwu musi, umukiza yabavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo, Umwami.


Yesu aca arabihaniza ashimitse ngo ntihagire uwo babibwira


Iryo jwi rihejeje kwumvikana, basanga Yesu asigaye ari wenyene. Ba bigishwa baca barahora, muri iyo misi ntibabwira umuntu n’umwe ivyo babonye.


Nuko Andereya aca aja kurondera mwene nyina Simoni, amubwira ati: “Twabonye Mesiya” (bisigura Kristo).


Nuko Filipo asanga Natanayeli aho ari, amubwira ati: “Twabonye umwe Mose yavugako mu vyagezwe, n’abavugishwa n’Imana bakamwandikako. Ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.”


Marita aramwishura ati: “Egome Mwami, ndizera ko uri Kristo, Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza mw’isi.”


Ariko ibi vyanditswe kugira ngo mwizere ko Yesu ari Kristo, Umwana w’Imana, kandi kugira ngo mumaze kwizera muronke ubugingo mw’izina ryiwe.


Nuko rero Abisirayeli nibamenye ukuri badakekeranya ko uwo Yesu, uwo mwebwe mwabamvye, Imana yamugize Umwami na Kristo.”


Ni nde mubeshi? Ni umuntu wese ahakana ko Yesu ari Kristo. Uwo muntu ni antikristo, kuko ahakana Data n’Umwana.


Umuntu wese yizera ko Yesu ari Kristo, uwo yavyawe n’Imana, kandi umuntu wese akunda uwo umuvyeyi, akunda n’abana biwe na bo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ