Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 16:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Nanje ndakubwiye ko uri Petero (bisigura ‘urutare’), kandi kuri urwo rutare, nzohubaka ishengero ryanje, kandi ko n’amarembo y’i kuzimu atazorinesha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 16:18
42 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aya ni yo mazina y’abigishwa biwe cumi na babiri: uwa mbere ni Simoni, yongera akitwa Petero, hamwe na mwene nyina Andereya, hagakurikira Yakobo mwene Zebedayo, na mwene nyina Yohana;


Na we Kaperinawumu, mbega wibaza ko uzoduzwa gushika mw’ijuru? Haba na mba! Ahubwo uzokororerwa i kuzimu mu kibanza c’abapfuye, kuko ibitangaza vyakorewe muri wewe iyo biba vyabereye i Sodomu, haba harazigamwe kugeza n’uwu musi.


Na bo nyene yanse kubumviriza, ubibwire ishengero; kandi yanse kwumvira ishengero, umufate co kimwe n’uwutizera Imana canke umutozakori yiba.


Yesu ariko aragendagenda ku nkengera y’ikiyaga Galilaya, abona abavukana babiri, Simoni batazira Petero na Andereya mwene nyina, bariko baterera urusenga mu mazi kuko bari abarovyi.


Nuko rero, umuntu wese yumva amajambo yanje akayashira mu ngiro, ameze nk’umwubatsi w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku rutare;


Maze aca amuzana aho Yesu ari. Nuko Yesu yihweza Petero, aramubwira ati: “Uri Simoni mwene Yohana, ariko ugiye kwitwa Kefa” (bisigura Petero).


Bama bashima Imana ibihe vyose kandi na bo bashimwa n’abantu bose, maze Umwami Imana na we akama abongerereza igitigiri c’abakizwa.


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


Na Sawuli ni ho yari ari, kandi yari ashigikiye ko Sitefano yicwa. Uwo musi haca haduka ihamwa rikomeye kw’ishengero ry’i Yerusalemu, maze abigishwa bose, kiretse intumwa, basanzarira i Yudaya n’i Samariya.


“Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri he?”


Yakobo, Kefa na Yohana, abari bazwi nk’inkingi z’ishengero, bamaze kubona ubuntu bw’Imana buri kuri jewe, baciye baduha ukuboko twe na Baranaba nk’ikimenyetso c’uko dufatanije ibikorwa. Baremeye ko twebwe dukwiye kuja mu Banyamahanga, na bo bakaja mu bakebwe.


Intumbero y’Imana muri ivyo vyose, kwari ukugira ngo ubu, biciye mw’ishengero, abatware n’abafise ububasha b’ahantu ho mw’ijuru bamenye ubwenge butagira urugero bw’Imana.


Iri ni ibanga rihambaye; ariko ni ishusho nziza yerekana ivya Kristo n’ishengero.


Ni we mutwe w’umubiri, ari ryo shengero; ni we tanguriro kandi ni we mfura mu kuzuka mu bapfuye; kugira ngo muri vyose abe agaheta,


bishitse ngateba, abantu babe baramenya ukwo bakwiye kwigenza mu nzu y’Imana, ari rwo rusengero rw’Imana nzima, rukaba n’inkingi n’urufatiro rw’ukuri.


(Kuko uwudashoboye gutunganya urugo rwiwe, mbega yoshobora gutunganya ishengero ry’Imana gute?)


Ko twakira Ubwami budashobora kunyiganyizwa, muze dushimire Imana kandi tuyisenge mu buryo buyihimbara tuyitinya kandi tuyubashe.


Umumarayika w’indwi avugije inzamba yiwe, haca humvikana ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Ubwami bwo kw’isi buhindutse ubw’Umwami Imana na Kristo wiwe, kandi azoganza ibihe bidashira.”


Uruzitiro rw’ico gisagara rwari rwubakiye ku mabuye cumi n’abiri y’urufatiro, ari zo ntumwa z’Umwagazi w’intama.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ