Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 16:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Yesu aramwishura ati: “Uri umuhirwe, Simoni mwene Yona, kuko ivyo ntubihishuriwe n’umuntu buntu afise inyama n’amaraso gusa, ariko ni Data wo mw’ijuru abiguhishuriye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Yesu aramwishura, at’ Ur’ umuhirwe, Simoni mwene Yona, kukw ata w’inyama n’amaraso yabiguhishuriye, ariko ni Data wo mw ijuru.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 16:17
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko, wewe nagusengeye kugira ngo ntutakaze ukwizera, kandi niwamara kwihana ukangarukako uze ukomeze bene So.”


Maze aca amuzana aho Yesu ari. Nuko Yesu yihweza Petero, aramubwira ati: “Uri Simoni mwene Yohana, ariko ugiye kwitwa Kefa” (bisigura Petero).


Abavugishwa n’Imana banditse bati: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Ni co gituma umuntu wese yumvirije Data akakira inyigisho ziwe, aza aho ndi.


Ico ngomba kubabwira bene Data, ni uko uwu mubiri twambaye utazoragwa Ubwami bw’Imana, kandi ibibora vyose ntibizoragwa ibizohoraho.


kumpishurira Umwana wayo kugira ngo nanje ndamumenyekanishe mu Banyamahanga; kandi ivyo bibaye, sinagishije inama umuntu n’umwe,


Ubuntu bwayo ni bwo bwabakijije ku bw’ukwizera. Kandi n’ivyo ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabire y’Imana.


ryari ryarahishijwe abantu bo mu bihe bitandukanye vyarenganye ariko ubu rikaba ryahishuwe na Mpwemu arihishurira intumwa n’abavugishwa bera b’Imana.


Kuko mu ntambara yacu ntituriko tugwana n’abafise umubiri n’amaraso, ariko tugwana n’abatware babi, n’abafise ububasha b’ahantu tutabona, n’abanyabushobozi bo mw’isi y’umwijima hamwe rero n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru.


Abo bana hari ikintu basangiye: bose ni abantu. Yesu na we ubwiwe yahindutse umuntu nka bo kugira ngo, biciye mu rupfu rwiwe, amare inkomezi uwari afise ububasha bw’urupfu, ari we Satani.


Abarongozi b’ishengero bari muri mwebwe ndabinginga nk’umwe mu bo basangiye igikorwa, nkaba n’icabona c’imibabaro ya Kristo kandi nkaba niteze kuzosangira na we ubwiza buzohishurwa:


Umuntu wese yemera ko Yesu ari Umwana w’Imana, Imana iba muri we na we akaba muri yo.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ