Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 16:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Simoni Petero aramwishura ati: “Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Simoni Petero aramwishura, at’ Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 16:16
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

hanyuma Yakobo avyara Yosefu, umugabo wa Mariya, nyina wa Yesu ari we Kristo.


Abari mu bwato bose bamuha icubahiro, bavuga bati: “Ni ukuri uri Umwana w’Imana.”


Aca arababaza ati: “None mweho, muvuga ko ndi nde?”


Ariko Yesu aguma ahoze. Maze umuherezi mukuru aca aramubwira ati: “Mw’izina ry’Imana nzima, tubwize ukuri: Uri Kristo, Umwana w’Imana?”


Umusoda mukuru w’Umuroma hamwe n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”


Umugeragezi aca aramwegera, amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate.”


Ariko Yesu arihorera ntiyagira ico amwishura. Wa muherezi mukuru arongera aramubaza ati: “Uri Kristo, Umwana w’imwe ihezagiwe?”


Uwu musi, umukiza yabavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo, Umwami.


Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”


Marita aramwishura ati: “Egome Mwami, ndizera ko uri Kristo, Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza mw’isi.”


Ariko ibi vyanditswe kugira ngo mwizere ko Yesu ari Kristo, Umwana w’Imana, kandi kugira ngo mumaze kwizera muronke ubugingo mw’izina ryiwe.


Data yantumye ni muzima kandi ndiho ku bwiwe; ni ko n’uwundya na we azobaho ku bwanje.


Simoni Petero aramwishura ati: “Mwami, twokuvako tugakurikira nde? Erega wewe ufise amajambo atanga ubugingo budashira!


Twebwe twarakwizeye turatahura ko uri Uwera w’Imana.”


“Mbega bagenzi, ivyo bintu mubikorera iki? Erega turi abantu nka mwebwe! Twabazaniye Ubutumwa Bwiza, bubabwira guhindukira mukava mu bitagira ikimazi, mukaza ku Mana nzima, yaremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibibibamwo vyose.


Bakiri mu nzira bagenda, bashika ahantu hari amazi, ya nkone iravuga iti: “Ko hano hari amazi, ni igiki combuza kubatizwa?” [


Filipo aramwishura ati: “Niwaba wizeye n’umutima wawe wose, urashobora kubatizwa.” Na we arishura ati: “Ndizeye ko Yesu Kristo ari Umwana w’Imana.”]


Maze atangura kwigisha mu masinagogi ko Yesu ari Umwana w’Imana.


mu buryo bw’impwemu y’ubugororotsi agaragara ari Umwana w’Imana mu kuzuka mu bapfuye ku bw’ubushobozi bwa Mpwemu Yera. Uwo ni Yesu Kristo Umwami wacu.


Mu Mwana w’Imana Yesu Kristo, uwo twe na Silasi na Timoteyo twabigishije, ntiharimwo “Egome” na “Oya,” muri we ni “Egome” gusa.


Muragaragaza ko muri ikete ryanditswe na Kristo, ryavuye mu gikorwa cacu, ritanditswe n’irangi ry’ikaramu, ariko ryanditswe na Mpwemu w’Imana nzima, atari ku bisate vy’amabuye ariko ku bisate vy’imitima y’abantu.


Mbega Imana hari ico yohurirako n’ibigirwamana? Turi ingoro y’Imana, kandi Imana yavuze iti: “Nzoba muri bo nongere ngendane na bo. Nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.”


kuko na bo nyene ubwabo bama bavuga ukuntu mwatwakiriye neza, n’ukuntu mwahevye ibigirwamana mugahindukirira Imana nzima kandi y’ukuri.


bishitse ngateba, abantu babe baramenya ukwo bakwiye kwigenza mu nzu y’Imana, ari rwo rusengero rw’Imana nzima, rukaba n’inkingi n’urufatiro rw’ukuri.


Igituma dukora tukaruha, ni uko twizera Imana nzima, yo Mukiza w’abantu bose, na canecane w’abizera.


Ni ikintu giteye ubwoba gukorokera mu maboko y’Imana nzima.


Ariko mwebwe mwegereye Umusozi Siyoni, igisagara c’Imana nzima, Yerusalemu yo mw’ijuru, aho abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bama bakoraniye mu munezero.


Nuko rero bene Data, mwirinde kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe agira umutima mubi utizera ngo bitume ava ku Mana nzima.


namwe mwibaze ingene amaraso ya Kristo, we yitanze nk’ikimazi gitunganye c’ivyaha vyacu, akiha Imana biciye kuri Mpwemu Yera ahoraho, azorushiriza kweza imitima yacu akayikuramwo ibikorwa bipfuye kugira ngo dushobore gukorera Imana nzima.


Umuntu wese yemera ko Yesu ari Umwana w’Imana, Imana iba muri we na we akaba muri yo.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


Nta muntu ashobora kunesha isi atizeye ko Yesu ari Umwana w’Imana.


Nca mbona uwundi mumarayika avuye i burasirazuba, afise ikimenyetso c’Imana nzima. Aca arasemerera abwira ba bamarayika bane bahabwa ububasha bwo kwonona isi n’ikiyaga ati:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ