Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 15:36 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Hanyuma afata ya mikate indwi na twa dufi, abishimira Imana, arabimanyagura, hanyuma abiha abigishwa biwe na bo babigaburira ba bantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Yābīra ya mitsima ndwi na za fi, arabishimira, arabimanyagura, abihereza abigishwa biwe, babigaburira ishengero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 15:36
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma abwira abantu ngo bicare ku vyatsi. Maze afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, abihereza abigishwa biwe na bo babiha ba bantu.


Nuko afata igikombe, agishimira Imana, ababwira ati: “Nimwakire munywe mwese.


Aca afata n’umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awubahereza avuga ati: “Iki ni ikimenyetso c’umubiri wanje watanzwe ku bwanyu; muzohore mubikora mu kunyibuka.”


Bicaye bagira bafungure, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubahereza.


Yesu afata ya mikate, ayishimira Imana, ayiha abari bicaye aho. Na za fi azigenza uko. Abantu bararya barikura.


N’ubundi bwato bwinshi buvuye i Tiberiya, buraza bushika hamwe Umwami Yesu yahezagirira imikate abantu bakayifungura.


Avuze ivyo, afata umukate awushimira Imana imbere yabo, arawumanyagura, aca atangura kurya.


Uwubahiriza umusi kanaka abikora ahesha icubahiro Imana. Uwurya indya zose abikora ahesha icubahiro Imana, kuko abikora ayishimira. N’uwirinda kurya bimwebimwe na we nyene abikora ahesha icubahiro Imana kandi abiyishimira.


Nuko rero iyo murya canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mubikore muhesha Imana icubahiro.


Nimwaba muriko muratazira Imana n’impwemu zanyu zonyene, abatabitahura bokwifatanya namwe gute, bakavuga “Amen” ku bw’amashimwe yanyu, kandi batumva ivyo muvuga?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ