Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 15:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Yesu ahamagara abigishwa biwe arababwira ati: “Aba bantu banteye ikigongwe. Tumaranye imisi itatu none raba nta vyokurya basigaranye. Ninabarungika bashonje, bahava bagwira isari mu nzira.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Yesu ahamagara abigishwa biwe, at’ Ishengero rinteye akagongwe, kuk’ uyu ar’ umusi ugira gatatu turi kumwe, none ntibagira ico barya. Ariko singomba kubasezera bashonje, ntibagwīre isari mu nzira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 15:32
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’ifi, ni ko n’Umwana w’Umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’isi.


Yesu amaze kuvyumva, aca ava ngaho agenda n’ubwato, aja ahantu hiherereye. Ariko abantu bamenye iyo agiye, bava mu bisagara bagenda n’amaguru baramukurikira.


Abigishwa biwe baramubaza bati: “None twokura hehe ivyokurya bikwiye abantu bangana gutya muri kano gahinga?”


Yesu abumvira ikigongwe, aca abakora ku maso; ubwo nyene baca barahumuka baramukurikira.


bamubwira bati: “Nyakwubahwa, twibutse ivyo wa mubeshi yari yaravuze akiri muzima ngo: ‘Inyuma y’imisi itatu nzozuka.’


Abonye abantu, bamutera ikigongwe; kuko bari bagowe, batagira uwubatabara, mbere bameze nk’intama zitagira umwungere.


Kenshi iyo mpwemu iramuta mu muriro canke mu mazi, ikagerageza kumwica. Nimba woshobora kugira ico ukoze, utugirire impuhwe udufashe.”


Umwami Yesu abonye uwo muvyeyi, amugirira impuhwe, aca amubwira ati: “Reka kurira!”


Bugiye guca, Pawulo yinginga abantu bose ngo bagire ico barya. Ababwira ati: “Raba haciye imisi cumi n’ine mwihebuye ata co mutamira.


Umuherezi mukuru dufise ashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu. Mbere yaciye mu mageragezwa twese ducamwo, ariko we nta caha yakoze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ