Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 15:31 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

31 Abantu baratangara cane babonye ibiragi bivuga, abacumbagira bagenda neza, ibimuga bimuguruka, n’impumyi zihumuka. Maze bahimbaza Imana ya Isirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Bituma ishengero ritangara ribonye ibiragi bivuga n’ibimuga bikomera n’abacumbagira bagenda neza n’impumyi zibona; bahimbaza Imana y’Abisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 15:31
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze abantu isinzi baza aho ari, bazanye abacumbagira, impumyi, ibimuga, ibiragi n’abandi barwayi benshi. Babashira imbere yiwe, na we arabakiza.


Nimba ukuboko kwawe canke ukuguru kwawe gutuma ukora icaha, guce ugute kure yawe. Kuko vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ukuboko kumwe canke ukuguru kumwe, hako utererwa mu muriro utazozima ufise amaboko yompi n’amaguru yompi.


Maze impumyi n’abacumbagira baraza baramwegera mu rusengero, arabakiza.


Yesu avyumvise aratangara cane, abwira abariko baramukurikira ati: “Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe muri Isirayeli nari bwabonane ukwizera gukomeye nk’uku.


Inyuma y’ivyo, baca bamuzanira umuntu aboshwe n’umudayimoni amutera kuba ikiragi.


Yesu aca yirukana iyo dayimoni; imuvuyemwo aca aravuga. Abantu babibonye baratangara, bavuga bati: “Ntihari bwaboneke ibisa n’ibi muri Isirayeli.”


Abantu babibonye, bagira ubwoba, hanyuma bahimbaza Imana yahaye umuntu ububasha bungana gutyo.


Wa muntu aca arahaguruka, aterura ikirago ciwe, asohoka bose babibona. Abantu bose baratangara, bahimbaza Imana bavuga bati: “Ntitwari bwabone ibintu nk’ibi!”


Abantu baratangara cane, bituma baguma bavuga bati: “Ivyo akora vyose biratangaje. Atuma n’ibipfamatwi vyumva, n’ibiragi bikavuga.”


Ukuboko kwawe nikwatuma ucumura, uguce. Vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ukuboko kumwe, hako winjira mu muriro utazima wa Gehinomu ufise amaboko yompi, [


Ahubwo niwategura umusi mukuru, uze utumire abakene, ibimuga, abacumbagira n’impumyi.


Wa mukozi aragaruka abwira shebuja ingene vyagenze. Maze na we arashavura cane, aca amubwira ati: ‘Genda mu mabarabara no mu mayira yo mu gisagara, uzane abakene, abacumbagira, impumyi, hamwe n’ibimuga.’


Ako kanya nyene aca arahumuka, akurikira Yesu ashima Imana. Abari aho bose babibonye bashima Imana.


Abari aho bose baterwa n’ubwoba, bongera bashima Imana, bati: “Uwuvugishwa n’Imana ahambaye yatwiyeretse, Imana yaje gutabara abantu bayo.”


Basubira gutumako wa muntu yahora ari impumyi ubugira kabiri, baramubwira bati: “Ubaha Imana, utubwire ukuri, kuko turazi ko urya muntu yagukijije ari umunyavyaha.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ