Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 15:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Umunyakananikazi wo muri iyo ntara, aza aho ari atakamba ati: “Mwami, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi! Umukobwa wanje aboshwe n’umudayimoni kandi aramubabaje cane!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Umunyakananikazi ava mu ntāra yaho aratakamba, ati Ngirira imbabazi se Mugenzi, Mwana wa Dawidi: umukobga wanje afashwe nabi na dayimoni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 15:22
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uru ni urukurikirane rwa ba sekuruza ba Yesu ari we Kristo, yakomotse kuri Dawidi wo mu ruvyaro rwa Aburahamu:


Ariko Yesu ntiyamwishura n’ijambo na rimwe. Abigishwa biwe baraza baramwinginga bati: “Mwirukane kuko aguma avugiriza induru inyuma yacu.”


Aramubwira ati: “Mwami, girira impuhwe umuhungu wanje, kuko arimwo idayimoni itera intandara kandi arababaye cane. Ni kenshi imuta mu muriro canke mu mazi.


Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.


Yesu avuye aho, impumyi zibiri ziramukurikira zisemerera, ziti: “Tugirire imbabazi Mwana wa Dawidi!”


Barasemerera bati: “Yesu, Mwigisha, tugirire impuhwe!”


Ariko wa mutozakori ahagarara kure, ntiyubahuka no kurangamiza mw’ijuru, yamara yikubita ku gikiriza, avuga ati: ‘Mana, ngirira imbabazi, jewe umunyavyaha.’


bazanywe no kumwumviriza no kugira ngo abakize ingwara. Nuko abari baboshwe n’impwemu mbi barakira,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ