16 Yesu arababaza ati: “Namwe ntimurashobora gutahura?
16 Na we aramubaza, ati Mbega namwe muracar’ imburabgenge?
Yesu abaza abigishwa biwe ati: “Mbega ivyo murabitahura?” Na bo bati: “Egome.”
Yesu aca ahamagara isinzi ry’abantu bari ngaho, arababwira ati: “Nimwumvirize kandi mutahure:
Petero aramubwira ati: “Dusigurire uwo mugani.”
Ntimuzi ko ikintu cose cinjira mu kanwa kija mu nda hanyuma kigasohoka?
Ni kuki mudatahura ko ntariko ndababwira ivyerekeye imikate? Nababwiye nti: Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo.”
Mbega n’ubu ntimuratahura? Ntimwibuka ya mikate itanu yagaburiwe abantu ibihumbi bitanu, na vya biseke mwegeranya.
kuko na ca gitangaza c’imikate batari bwagitahure, bitumwe n’uko imitima yabo yari ikomantajwe n’ukutizera.
Arababaza ati: “Mbega namwe ntimutahura? Ntimuzi ko ivyo umuntu arya bidashobora kumuhumanya?
Ariko ntibatahura ico ababwiye, kandi batinya no kugira ico babimubazako.
Ariko abigishwa ntibigera batahura ikintu na kimwe muri ivyo ababwiye. Insiguro yavyo yari ihishijwe, bituma badatahura ico ashatse kubabwira.
Aca abugurura ubwenge kugira ngo batahure Ivyanditswe.
Ariko bo ntibatahura ico ababwiye. Insiguro y’ayo majambo yari ihishijwe, bituma batayimenya, kandi batinya no kugira ico babimubazako.
Mwari mukwiye kuba muri abigisha, kuko haheze igihe kirekire mwizeye. Yamara muracakeneye kwigishwa ivya mbere vyo mu kuri kw’ijambo ry’Imana. Aho kurya ivyokurya vy’abakuze, muracakeneye amata.