32 Bamaze gutambukira mu bwato, umuyaga uca urahagarara.
32 Būriye mu bgato, umuyaga uraca.
Ubwo nyene, Yesu atuma ukuboko aramufata, amubwira ati: “Wa muntu w’ukwizera guke, ni kuki wakekeranije?”
Abari mu bwato bose bamuha icubahiro, bavuga bati: “Ni ukuri uri Umwana w’Imana.”
Ba bigishwa batinya cane, barabazanya bati: “Mbega uwu ni umuntu ki, ko umuyaga n’imipfunda na vyo bimwumvira?”
Nuko atambukira mu bwato maze umuyaga uca urahagarara. Na bo baratangara cane,
Nuko bashaka kumwuriza mu bwato, ariko buba burashitse ku nkengera aho bari bagiye.